BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Sat-b arazisohorera rimwe

Bizimana Aboubakar karume ngo uko biri kwose Aho bukera ku musi wa gatanu azoshira ahabona Indirimbo zibiri icarimwe.

Izo ndirimbo zibiri zikaba zamenyekanye amazina yazo, aho ari Mon amour hamwe na ishari, nkuko vyabonetse kuri Cover yashize ahabona. Imwe murizo ikaba yitiranywa n’urukurikirane ariko arakora.

Izo ndirimbo zikaba zigiye gusohoka inyuma y’imisi aciye mu minwe ya Amir Pro aho yari yagiye gukorerayo Indirimbo izoja mu rukurikirane ariko arategura kuzishira ahabona, kuko ngo Atari gukora urwo rukurikirane ngo haburemwo Indirimbo yakozwe na Amir Pro.

Abafana bakaba barindiranye igishika cinshi izo ndirimbo kuko ngo yari yarabanyoteje nkuko twabashije kubibona muri Commentaire ku mbuga asanzwe akoresha.

Hakaba hataramenyekana neza abazoba bazoboneka muri urwo rukurikirane ariko 1 we akaba amaze kuboneka,.uwo nawe s’uwundi ni Double Jay yavuze ko yahamagawe na Sat-b ngo bazokorane Indirimbo izoba iri muri urwo rukurikirane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775