BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Sat-b muri 2022 gutakarizanya umwanya ntibiri mu migambi

Aboubakar karume benshi muzi nka Sat-b ngo hari ivyo yashobora gukora muri 2020, uno musi muri 2022 adashobora gukora, birimwo gutakariza umwanya abamenyeshamakuru.

Mu kiganiro Sat-b aheruka guha mugenzi wacu Landry Promoter, bagarutse ku rugendo Sat-b aheruka gukora muri Tanzania, ariko akaba haba kugenda co kimwe no kugaruka atigeze ahamagaza abamenyeshamakuru.

Muri ico kiganiro Sat-b yavuze ko abamenyeshamakuru bafise ibintu vyo gukora, atari kubatakariza umwanya ngo abahamagare kuko agiye kwurira indege.

Yagize Ati : ” Hari ibintu bimwe bimwe nawe uraba, bivanye n’uko nawe utera imbere, uno musi kuvaga ngo ndagiye guhamagara Landry, nande nande, mufise ibintu mukora, nta mwanya wo guta mugomba kugira. Jewe sinoguhamagara ndagutakarize umwanya, kugenda gusa gufata indege nce ndaguhamagara Landry, urumva ivyo muri 2020 vyari gukunda, ariko muri uno mwaka ntibizokunda kabisa.”

Sat-b akaba abishikirije inyuma y’igihe adakora ikiganiro na kimwe n’abamenyeshamakuru, cane cane abasanzwe bakorera ku mihora ya YouTube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775