BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Sat-b na Belle nice boba batakiri mu rukundo

Sat-b ngo nta mugore afise, ivyo n’ivyo aheruka gushikiriza mu kiyago yagiranye na kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu. Mu gihe abatari bake bari bazi ko yari mu rukundo na Belle Nice.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yamenyesheje ko afise abana 3, abo nabo akaba ari abana 2 yavayranye n’umugore wiwe wa mbere, hamwe n’uwo baheruka kuronkana na Belle Nice umwe mu baririmvyi babarizwa muri Label kwa Sat-b.

Sat-b yabajijwe abagore yaronseko abo bana uko ari 3, aca yishura ko ata mugore afise. Ntitwabashije kumenya nimba abo bavyaranye atabafata nk’abagore biwe, canke. Ariko ikizwi co nuko bose uko  ari 2 babanye kandi igihe kitari gito.

Ivyo sat-b abishikirije inyuma y’ivyo mama w’umwana wiwe, Belle Nice, yashikirije ku rubuga rwiwe rwa Instagram mu gice ca Statues, aho yashikirije amajambo ajanisha kwerekana ko hoba hari ikibazo hagati yiwe n’umukunzi wiwe.

Belle Nice yanditse mu rurimi rw’icongereza ati : “F**ck Fake Love, #newbeginnings #newdecision #f**uckirresponsable ”

Ivyo akaba yabishize kuri urwo rubuga igenekerezo rya 5/12 mu masaha y’isaha icenda z’ijoro. Ubwo bukaba bwari bwakurikiwe nabwo n’ubwo yaheruka gushikiriza twari twababwiye mu nkuru twanditse mu kwezi kw’icumi aho naho yagaruka ku bucuti bwiwe n’umukunzi wiwe.

Mwokwibuka ko yaba Sat-b yaba Belle Nice intango z’urukundo rwabo bose ata numwe yigeze yemera ivy’ubwo bucuti bwabo. Bose bakaba barabihishahisha, uwubibajije ntibavyemeze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776