BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Sat-b ngo abamutwaye urubuga rwa Youtube arabazi

Haraheze igihe kitari gito umuririmvyi Sat-b ngo azi ko urubuga rwiwe rwa Youtube rwarabaye Hacked, ariko we nta kibazo bimuteye.

Mu kiyago na Hosy, Sat-b yabajijwe impamvu indirimbo ziwe zisa n’izitakirabwa cane, ugereranije n’uko mu misi iheze vyari bimeze.

Sat-b yatanze umuco ko abamutwaye Youtube Account yiwe aribo batuma Views z’indirimbo ziwe zitaduga nkuko bikwiriye.

Sat-b yanevuze ko abo bantu bamaze kubamenya ariko ko bariko barakora ibishoboka ngo bagire ico bahindura kuri iyo Account ngo bikunde bayisubirane neza.

Muri ico kiganiro Nyene Sat-b yavuze ko bamaze kumenya ko abo bantu bakorana n’abantu bo hanze y’igihugu mu gukora ayo mabi agayitse.

Mwomenya ko Sat-b aheruka gushira ahabona indirimbo gacugere yakoranye na Bainturo, ikaba imaze kurabwa incuro 58.000mu ndwi 1 gusa,nayo Umubabaro imaze ikwezi ikaba imaze kurabwa incuro zirenga 118,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775