BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Sat-b ngo akeneye umunyepolitique

Mu misi iheze, umuririmvyi Sat-b yaguweko n’abatari bake bamubwira ko inyifato yifata itari nziza cane cane mu gihe c’ugukora ico abatari bake bita ama Buzz.

Abatandukanye baravuze ibitari bike mbere birimwo ko ubu yoba yafatanywe itonga, kuko ngo ivyo yashatse bitakunze kuko abo bari bazananye mu ndege bavuye muri Tanzania ngo batigeze baciye bamusesera agafu.

Mu majambo atavuzwe cane n’uko ngo Sat-b yoba akeneye umunye Politique amuhanura muri ibi bihe aba ariko arakora, kuko ngo ariwe abuze nay’ahandi umugwi asanzwe afise umufasha mu bikorwa vyiwe urimwo Tati na Kent-p ngo aho bageza uhagaze neza cane.

Iryo jambo ko hakenewe umunyepolitique, ryashikirijwe n’umumenyeshamakuru Espoir B5 asanzwe ari n’umuyoboke w’umugambwe UPRONA, ku rubuga rwiwe rwa Whatsapp. Yagize ati: “ Sat-b ndamufana kandi afise Team Nziza y’aba technician babushitse!! Tati, Kent_p… Muga impanuro yanje ayumve, muri Team yawe harakenewe umunyepolitique azi Diplomatie si Non tes œuvres Louables vont Mourir dans l’œuf.”

Ivyo uwo mumenyeshamakuru asanzwe afise amabanga akomeye mu mugambwe w’abadasigana UPRONA, akaba abishikirije mu gihe abaririmvyi batari bake hano iwacu bagirizwa kutitwara neza, ico ngo kikaba ari igishobora gutuma ibikorwa vyabo vy’umuziki bitijukirwa bikwiriye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775