BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Sat-b ngo akinisha ubwonko bw’abantu

Sat-b ngo yaramenye gucungera imbibe z’ibikorwa vyiwe nico gituma ahora buri gihe avugwa cane gusumba abandi, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Juddie Caelle kuri Sat-b nawe inyuma y’ukuvuga kuri Big Fizzo.

Juddie aheruka gushikiriza ko Sat-b igituma aguma ku mwanya ari ukubera we azi gukoresha neza ama Social Media.

Juddie yavuze Kandi ko Sat-b ariwe muririmvyi azi gukina n’ubwenge bw’abantu bivanye n’ivyo ashikiriza. Uwo muririmvyi Kandi ngo niwe muririmvyi wa mbere afise ama Page Facebook menshi amwegukira amwandikako akatari gake.

Sat-b Kandi ngo niwe muririmvyi yafashije abafana biwe mu kubereka umwuga, akabigisha uburyo bandika inkuru, icahavuye kivamwo ko bamwe baba abamenyeshamakuru, noneho igica kivamwo ko batavirira umuziki w’uwo muririmvyi bakunda cane.

Mu bafana biwe bazwi Kandi nawe nyene avyiyemerera harimwo umunyeshamakuru Landry Promoter, asanzwe uno musi ari muba Youtubeur bakunzwe cane hano iwacu. uwo musore akaba Kandi adahisha ko asanzwe zri umufana w’uwo muririmvyi.

Juddie ntiyagarukiye ngaho, kuko yanabandanije avuga ko Sat-b Ari mu baririmvyi kumwandikako nabi ataco bimwubwiye, igica kimushira mu baririmvyi bandikwako cane, yaba vyiza canke bibi, kuko mwibuke ko afise abafana batari bake bakoresha imbuga za Facebook zikunzwe cane.

Juddie muri ubwo butumwa yatanze ku rubuga rwa Instagram muri Story akaba yavuze ko ivyo vyari bikwiye kubera icirwa abaririmvyi b’urunganywe rw’ubu, kuko ngo abaririmvyi b’ubu iyo bamaze kwubaka izina, ngo baca babona ko ibintu vyose bizokwikora, ibica bituma badashiraho inkingi nziza, noneho ugufatisha igihe urume rumara akaba arivyo bibaranga.

Juddie ivyo yabishikirije inyuma yaho ashikirije ibindi kuri Big Fizzo, aho yavuze ko Big Fizzo nawe azi kumenya ivyo abantu bakunda bigezweho, igituma ngo nuko agendera ubutambiro cane, akanaganira cane n’abakiri bato.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775