homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundi

Sat B ngo muri Tanzania bamwitege ntagiye kuborohereza 

Hazoba ari kw’igenekerezo rya 5 Ntwarante 2022 igiteramo cari kirindiriwe cane n’abakunzi b’umuziki ndundi mu kubona abaririmvyi ba 2 b’abarundi batumiwe muri ico giteramo, aho twovuga Fizzo na Sat B.

Ariko ku mvo zitamuvuyeko Fizzo yavuze ko atazoboneka muri ico giteramo kubera vyahuriranye n’igiteramo afise mu Bufaransa aho asanzwe abarizwa ubu.

N’ubwo atazoboneka muri ico giteramo AfroEast carnival categuwe n’umuririmvyi mugenzi wabo Harmonize asanzwe avuka muri ico gihugu ca Tanzania arahamagarira abakunzi biwe bose kudasiba baje gushigikira Sat-B kuko ni Uburundi buzoba buserukiwe.

Ni mu gihe hasigaye imisi iharurwa ku ntoke Sat B acishije ku mbuga ziwe agize ati: “Dar Salam Going down this week. AfroEastFestival.”, biboneka neza ko yiteguriye ico giteramo.

Indundi Magazine ikaba isaba abarundi bose bazoba bari hafi gusidukana n’iyonka baje gushigikira Sat -B abanyamahanya babone ko Uburundi bufise impano ndetse zinakundwa n’ab’iwabo.

Tukanamwipfuriza amahirwe meza

What's your reaction?

Related Posts

1 of 738