BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Sat-b ngo ni asabe abafana bamufashe 

Sat-B ngo ntasubire gusaba igihugu ngo kimufashe kuronka itike, ahubwo n’ahindukirire abafana biwe bamushigikire, uko niko Nelly abona ko ikibazo c’itike y’indege ya Sat-B yo kuja muri Afrima Awards yoboneka.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa WhatsApp mu gice ca Storie, uwo mwigeme akaba abona ko Sat-b aramutse agize Live agasaba abafana bari mu mahanga kumushigikira, ngo ntacobuza ko babikora.

Uwo mwigeme akaba yahavuye asangiza kandi abamukurikirana screenshot y’abamwishuye, aho bariko bamubaza amakuru atomoye y’uko bofasha Sat-b, ariko guca asaba Sat-b gukora iyo Live.

Mwomenya ko hari abariko baridoga ko buri mwaka ari Sat-b wenyene aboneka muri Afrima, abandi ngo batabonekamwo, bakibaza uko bigenda bakabibura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775