BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Sat-B ngo nibashigikirwe kuko bafise ico bamaze

Umuririmvyi Sat-B ngo yumvise umubabaro udasanzwe aho yumviye ko mu bushikiranginji bw’urwaruka, inkino, imicokama n’iyinjira ry’Uburundi mu muryango  bwa Africa y’ubuseruko ata buryo bwategekanijwe bwo gushigikira abaririmvyi, kandi nabo bafise ico bafashije igihugu.

Ivyo uwo muririmvyi akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye Alan the real umumenyeshakuru wa Indundi Tv.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi avuga ko bibabaje cane kuba abaririmvyi badahabwa agaciro n’igihugu cabibarutse kandi bafise ico bakimariye.

Sat-B ngo yumvise umubabaro ukomeye inyuma y’ukuronswa ubutumwa buvuye muri ubwo bushikiranganji akukira, aho bwamumenyesha ko ata buryo bwo gushigikira abaririmvyi buhari, ariko ngo iyaba ari umunonotsi, ubwo buryo ngo bwari buhari bwo kumushigikira.

Uwo muririmvyi akababazwa n’uko abo baririmvyi badahabwa agaciro, mu gihe ngo baramutse bagiye muri ayo mahiganwa bariko baronderera uburyo, noneho bagatsinda, ngo igihugu kihungukira kuko kivugwa, gutyo isananu y’igihugu cacu ikaba nziza cane mu makungu.

Muri ico kiganiro nyene Sat-B akaba yerekatse ubwo buserukizi imwe mu nzira zo guhindura ivyo amahanga yandika ku Burundi, kuko ngo iyo wanditse kuri google urondera Uburundi ngo haboneka cane ibintu vy’abasirikare gusa.

Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyi yerekanye ko n’aho batariko barahabwa agaciro, ngo inyuma y’ibibazo vyabaye mu gihugu mu mwaka wa 2015, ngo abaririmvyi bakoze ibikomeye ngo abarundi basubire biyumvemwo igihugu, agatanga akarorero k’indirimbo zitari zaririmbwe, zirimwo iziwe zatumye abarundi bamwe batahuka mu gihugu c’amavukiro nk’uko yabibwiwe n’abatahutse, bajinjibuwe n’izo ndirimbo.

Sat-B akaba yabajijwe nimba azobasha kuja muri ico gikorwa kizobera mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika, akaba yavuze ko bikiriko birigwa, kugira arabe ko niyabasha gusohora $12,000 azobasha kuyinjiza, kuko ngo ivyo arimwo, ari urudandazwa.

Ikiganiro cose ni ngaha kuri IndundiTV👇👇👇👇

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799