BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Sat-B yabuze, Lolilo aseruka kuri Big Fizzo

Urukumbuzi abafana bari bafitiye umuririmvyi Big Fizzo rwagabanutse, kuko ya ndirimbo yari yemewe ko buca ishirirwa ahabona amasanamu yamaze gusohoka.

 

Iyo ndirimbo izwi nka Ndabizi, ikaba yashiriwe ahabona amasanamu ku muhingamo w’uno wa mungu, Aho ku masaha 4 gusa iyo ndirimbo yari imaze kurabwa incuro zirenga 10,000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube.

Iyo ndirimbo uwo muririmvyi agaruka ku butumwa bw’urukundo nkuko y’ama, akaba yicuza igituma yasamaye none bikarangira atandukanye n’uwo mwigeme, asabira umwigeme kuronka uwundi muntu amukunda ururenze urwo yamukunda.

Iyo ndirimbo rero ikaba yakunzwe n’abatari bake, aho banatanze n’amanota biciye muri Commentaire y’iyo ndirimbo.

Ijwi uburyo ripanze, uburyo iyo ndirimbo yanditse, ubutumwa burimwo, uko amasanamu akozwe, vyose abafana babashije kugira ico babishikirizako, bakaba bavuga ko bitonze neza cane.

Abandi bo bakaba bavuga ko iyo ndirimbo isohotse mu mpera z’umwaka inyuma y’igihe kingana hafi umwaka adashira ahabona igikorwa na kimwe ngo ni Hit.

Iyo ndirimbo imara umwanya ungana n’iminota 3 n’amasegonda 20, ikaba itakorewe ahantu henshi kuko habonekamwo ibinza bisa nkaho bidashika 5. Kimwe muri ivyo bibanza kikaba ari icari carasohorewe amashusho aho yari hampande y’amazi, ahandi hakaboneka ko ari ahasanzwe hakorerwa amasanamu, nayo aha 3 hakaba ari mu rugo, eka n’isanamu y’imodoka.

Ikindi twabashije kubona akaba ari uko iyo ndirimbo yashitse ku nyota abaririmvyi b’ibihangange batari bake, mbere bakaba banashizeko ama commentaire kuri iyo ndirimbo, aho na Big Fizzo yagenda arashirako Likes.

Bamwe mubo twabashije kubona akaba Ari nka Lolilo, Ado Josan, Mt Number, Peter Niyo, Yves Kami, Edynak, Josdy, Rashly. Abakurikirana hafi ivy’umuziki nka Mbasha akurikiranira hafi ivya Mt Number one akaba nawe yashizeko Commentaire, eka na Hittoptv ya Landry Promoter nayo ikaba yahabonetse.

Commentaire ya Lolilo ikaba ariyo yabonetse yishurwa cane inaronka ama Likes atari make, aho abafana babishimye bavuga ko ubwo bumwe bariko berekana aribwo bari bakeneye.

Gushika aho twabashije kugeza amaso, gushika isaha 2 z’ijoro, umuririmvyi Sat-B aheruka kuboneka arikumwe na Big Fizzo ibintu bimeze neza, akaba atari bwabashe gushira aga Commentaire kuri iyo ndirimbo, ikintu gishobora kuba Cari kiri mu birindiriwe cane.

Iyo ndirimbo ishiriwe ahabona amasanamu inyuma y’imisi ishiriwe amajwi ku Mbuga zigurisha umuziki, aho iyo ndirimbo nayo yakunzwe cane.

Nkuko twabashije kubibona, iyo ndirimbo ngo iri mu zironderwa cane kuri Boomplay, eka Kandi ikaza mu Kibanza ca 1 muri nshasha zikunzwe muri kino gihe mu Burundi.

Iyo ndirimbo Kandi twabashije kubona ko kuri urwo rubuga, iza mu bibanza vy’imbere mu ndirimbo ziwe zimaze kumvirizwa incuro nyinshi, kuko mu masaha makeya ishizwe ahabona yabashije kurabwa incuro zirenga 20,000.

Iyi ndirimbo bikaba vyari vyari vyavuzwe na Yassin umu Instagrameur akurikiranira hafi ivya Big Fizzo ko ishobora gusohokera ku mbuga zigurisha umuziki gusa, kuko urubuga rwiwe rwa YouTube rutari bwakwize abantu 100,000 barukurikirana.

Ikaba rero ibaye iyifashije urwo rubuga rwa YouTube rwa Mugani gukwiza abarukurikirana 100,000, kuko ku musi wa gatandatu urwo rubuga rwari rukibura abarenga 500 kugira rukwize abo bantu 100,000.

Nkuko twabashije kubibona Kandi ku rubuga rwa Instagram rwa Yassin, Big Fizzo akaba yashimye kuba abamukurikirana bakwiye 100,000. Ubwo butumwa bukaba bwacishijwe ku rubuga rwa Whatsapp rwiwe.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775