BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Sat-b yabwiwe ko abamwanka batazobura

Sat-b ngo abamwanka ntibazobura, ariko n’abakunzi baruzuye. Ahanurwa gukomeza uko ariko arakora ahubwo ashiremwo inguvu gusumvya.
Bizimana Aboubakar Karume abenshi bazi nka Sat-b ahanurwa kubandanya araba imbere agashira inguvu mu bikorwa vyiwe, ngo kuko abamwanka ntibazobura, bazokwamaho, ariko n’abamukunda barahari. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa n’umuyobozi wa Buja Fm mu gihe bariko batanga agashimwe ku muririmvyi w’umwaka.

Uwo muririmvyi yahawe amahigwe n’abarenga 12,000 nkuko vyashikirijwe n’uwo murongozi, akaba ari Sat-b n’akaririmbo kiwe No Love. Uwo akaba mu mwanya muto imbere yuko amatora arangira ngo amanota yaduzeko 2000, biba bibaye imbonekarimwe.

Uwo muririmvyi w’umunya Kanyosha akaba yemerewe guhabwa Promotion umwaka wose, ariko kandi bakaba bavuze ko mu kiringo c’ukwezi kwose indirimbo yiwe izovuzwa buri musi muri Buja Fm.

Sat-b ntiyaretse nawe kugira ico ashikirije aho yavuze ko ico Imana yamuhaye ari ingabire, ngo nico gituma ageze aho ageze. Akaba yanagiriyeko avuga ko umuntu aca muri vyinshi, ngo iyo hataba iyo ngabire ubu aba akiri mayibobo.

Sat-b yashimiye abamufashije muri ico gikorwa, baba abamenyeshamakuru, abahinyanyuzi co kimwe n’abarongoye ama radio bamubaye hagufi muri urwo rugendo.

Mwokwibuka ko iyo ndirimbo No Love iza ibibanza vya mbere mu ndirimbo ndundi zakunzwe cane ku rubuga rwa Youtube muri uno mwaka wa 2018 twaraye turangije. Ubu ikaba imaze kurabwa incuro zirenga 380,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775