BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Sat-B yasubiriye guhindura izina

 

Izina ryarasubiriye kandi rirahindurwa ku rubuga rwa Facebook rw’umuririmvyi Bizimana Aboubakar Karume bensi bazi nka Sat-b. Kakaba kabaye akagira 5 kuva urwo rubuga rushirwa ku mugaragaro hari mu mwaka wa 2013.

Nkuko twabashije kubibona, urwo rubuga rwahinduriwe izina hari ku musi wa gatatu igenekerezo rya 28/10. Urwo rubuga rukaba rwahawe izina rya Sat-B mu gihe rwahora rwitwa “Sat-B Satlight KING” , iryo zina naryo rikaba ryari ryahawe urwo rubuga mu mwaka wa 2017 mu kwezi kwa 1 igenekerezo rya 15.

Itandukaniro riboneka mw’ihindurirwa ry’izina ry’urwo rubuga ku ncuro ya 3 n’iya 4 riboneka ku rudome B, urudome rusanzwe rusigurwa n’ijambo “Burundi”. Ku ncuro ya 3 urwo rudome bari bakoresheje ruto “Miniscule”, mu gihe urwa irya 4 baciye bakoresha urudome rukuru “Majuscule”. Incuro ya 3 nayo hakaba hari igenekerezo rya 25/11/2015.

Kuva mu mwaka wa 2013 rushirwa ahabona, urubuga rwa Facebook rwa Sat-b rukaba rumaze gukurikirwa n’abarenga 112.000, nayo abarenga 400,000 buri kwezi barabone nibura rimwe gusa ico uwo muririmvyi yanditse kuri urwo rubuga rwiwe rwa Facebook.

Aha mukamenya ko uru rubuga rwatanguye rwirwa Sat-b Satlight ariko inyuma y’imyaka 2 noneho yongerako ijambo KING risigura Umwami. Nayo Sat-B rikaba ari mu mpfunyapfunyo, mu majambo yose rikaba ari Satelite du Burundi, Ikigendajuru c’Uburundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775