BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Shaddy boo ngo ikibazo c’umutekano nico kimubujije kuza I Bujumbura

Ikibazo c’umutekano ngo nico kimubujije kuzoza I Bujumbura mu giteramo bari bamutumiyemwo.

Shaddy boo nawe ngo ntazoteramisha abarundi nkuko yari yavyemeye mu misi iheze abicishije Ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Ico giteramo yokwitabiriye igenekerezo rya 20/7 I Bujumbura, ngo ntakikijemwo kubera atizera ko umutekano wiwe uzoca ucunzwe neza.

 


Ayo makuru y’iryo siba ryiwe tukaba tuyakesha ikinyamakuru Inyarwanda, aho nabo bayakesha abegereye uwo mwigeme akunzwe cane Ku rubuga rwa Instagram muri kano karere.

Uwo akaba abaye uwa 3 asivye mu giteramo hampande ya Meddy na Bruce Melodie nabo nyene bashira imbere ic’uko umutekano wabo bawutinyira. Ivyo bikaba ariko biruko mu gihe abanyarwanda batari bake batareka kwerekeza I Bujumbura mu bikorwa bitandukanye.

Ivyo kandi bishikirijwe mu gihe I Bujumbura hitezwe Diamond Platnumz umuririmvyi akomeye wo muri kano karere akomoka mu gihugu ca Tanzania. Akaba azoba aje I Bujumbura mu giteramo co kurangiza ihiganwa rya Primusic.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775