East Africa NewsAkes DonEntertainmenthomepagekirundiMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Shaddy boo ngo yaratamvye n’agahuzu ko musi kaja hanze (Video)

Ku mashusho yabonetse mu gihe Shaddy Boo yatambana na Otile, uwo muvyeyi w’abana 2 yabonetse ariko atamaba afuka ibihimba vy’imbere kubera umwambara yari yambaye.

Umwe mu banyarwandakazi babiza iyashu abantu muri akino gihe ni Shaddy boo aho buri shusho ashize ku rubuga ngurukanabumenyi akoresha ivurwa vyinshi n’abarenga 400,000 bamukurikirana.

Uwo muvyeyi w’abana 2 akaba kuri uyu wa 14 ruhuhuma ku musi w’abakundana yari mu gihugu ca Kenya aho yari yagiye guhimbarizayo umusi mukuru w’abakunda, naho we avuga ko atawe agira.

Mu giteramo yari yatumiwemwo, umuririmvyi yari umutumure w’iteka akaba yari Otile Brown, asanzwe ari mu bakunzwe muri ico gihugu. Uyu bakaba baranatambanye uwo musi.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Igihe co mu rwanda avuga ko Shaddy Boo yoba yaratamvye gushika yaho agahuzu ko musi kaboneka. Aho ngo hari mu gihe yariko aratambana n’uwo muririmvyi.

Kw’ishusho yabonetse ku mbuga ngurukanabumenyi zibiri, yaba iya Otile co kimwe n’iya Shaddy boo, uwo mukobwa biboneka ariko atamba asa n’uwufuka ibihimba vy’imbere kuko yabona ko asa n’uwuriko arahena, umwanya wose yariko aratamba.

Shaddy Boo akaba azwi cane kubera umubano afisetanye n’abaririmvyi batandukanye baja i Kigali, bamwe muribo akaba ari nka Davido, co kimwe na Diamond Platnumz we anamaze kumutumire muri tanzania ku musi mukuru w’amavuko yiwe. Bikaba kandi vyaranavuzwe ko uwo mwigeme bishoboka ko yoba ari n’umuhabara wiwe ivyo yateye ivyatsi.

Uyu akaba yavyaranye abo bana 2 n’umwe mu bahinyanyuzi bakomeye muri afrika y’ubuseruko, uwo nawe s’uyundi ni Meddy Saleh, Sat-b yipfuza ko azokora amasanamu y’akaririmbo kiwe na Meddy.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769