BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Shaddy Boo yafashe ikibanza ca Mbere mu gukwiza abamukurikirana 1,000,000 kuri Instagram

Muri Afrika y’ubuseruko, Uburundi n’Urwanda nivyo bihugu bibiri vyo nyene gukwiza abagukurikirana kuri Instagram bashika 1,000,000 ari ikibazo gikomeye, mu gihe mu bihugu nka Tanzania babakwiza mu mwanya nkuwo gukubita urugohe. 

Umunyarwandakazi Mbabazi chadia azwi canke nka Shaddy Boo niwe abaye uwa mbere muri bino bihugu bibiri abashije gukwiza abo bantu, mu gihe abandi bari mu bijanye n’ukwidagadura muri ivyo bihugu bagisigaje urugendo rurerure kugira bamushikire.

Shaddy akunze cane kwitwa umu Slay Queen akaba mu kwigina iyo ntambwe abaye uwa mbere mu barundi n’abanyarwanda kuyitera yanditse kuri urwo rubuga akunze kuronka Likes zitari musi ya 20,000 mu masaha 24 gusa ashize photo kuri urwo rubuga, ko rimwe na rimwe umwami aba ari Umugore.

Urwo rubuga rukaba ruri mu bimwinjiriza amafaranga atari make kuko amaze guhabwa amasezerano n’amashirahamwe ngo bakorane kubera ukwo kumenyekana kwiwe.

Mu bijanye n’ukwidagadura, ikibanza ca 2 kikaba gifatwa na Bruce Melodie aheruka kugura abamukurikirana barenga 200,000, nayo muri Rudangi ikibaza ca 2 kikaba gifiswe n’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame afise abamukurikirana barenga 900,000 kuri Instagram.

Mu barundi bakorera ibikorwa vyabo hano iwacu uwa mbere akaba ari Sat-b afise abarenga 116, 000, mu bari muri Afrika y’ubuseruko akaba ari DJ Ira asanzwe akorera ibikorwa vyiwe mu gihugu kibanyi c’Urwanda, nayo kw’isi yose uwa mbere akaba ari umurundikazi afise n’ubwenegihugu bw’ubwongereza Belle Michelle azwi cane kuri Instagram nka Onlybells akurikirwa n’abarenga 283,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775