africa newshomepagekirundipoliticssecuritysociete

Somaliya : Abantu barenga 70 bahasize ubuzima

Abarenga 70 nibo bivugwa ko bahitanwe n’igisasu cari giteze mu modoka ku murwa mukuru wa Somalia.

Ico gisasu kikaba caturikiye mu kibanza c’igenzura ry’umutekano, ku masanganzira akunda kugenderwa cane mu gisagara ca Mogadisho.

Abdikadir Abdirahman Haji Aden, yatanguje ikigo Aamin gikoresha za ruseha abaniha kare yabariye ibiro ntaramakuru Reuters ko bari bamaze gutora abantu 61 bamaze kwitaba Imana”.

Gushika ubu, nta mugwi uriyitirira ico gitero, ariko abarwanyi ba Al-Shabab baramaze kugaba ibitero vyinshi muri ico kibanza.

Twobamenyesha ko umugwi w’abarwanyi Al-Shabab kuva wiyunze na Al-Qaeda, umaze imyaka 10 waratanguje urugamba rw’ikinyeshamba.

Mohamed Abdirizak umwe mu bashingamateka bo muri Somalia, yavuze ko abahasize ubuzima barenga 90, ariko akavuga ko ayo ari amakuru yahawe atarashobora kwemeza.

Uwahoze ari umushikiranganji w’umutekano yongeyeko ati: “Imana igirire ikigongwe abahitanywe n’iki gitero c’ubunyamaswa.”

Mwibuke ko abantu batanu bishwe mu ntango za kuno kwezi kwa kigarama igihe Al-Shabab yatera i Mogadisho kw’ihotero ikundwa n’abanyepolitike, abaserukira ibihugu hamwe n’intwazangabo mu gisirikare.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756