BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Spok’s ngo ntagarutse gusohora indirimbo buri kwezi

 

Ishirwa ahabona ry’amasanamu y’indirimbo Wari he ya Spok’s ngo n’umuzo wundi mushasha mu muziki naho atagarutse gusubira kandi gusohora indirimbo buri kwezi, ivyo n’ivyo aheruka kuyagira Indundi Tv.

Muri ico kiganiro, Spoks avuga ko ataje gusohora indirimbo buri kwezi, ariko ngo azosohora indirimbo ziri hagati y’1 na 3 ku mwaka.

Uwo mwanditsi wa Ndatemutse yagarutse ku mpamvu yashimye gusohora amasanamu y’iyo ndirimbo itari nshasha mu matwi y’abakunzi b’umuziki, aho yavuze ko yashatse kwerekana ko indirimbo ziwe zidata igihe kuko zishobora kuguma zikoreshwa buri gihe.

Spok’s ntiyagarukiye ngaho yanashimye gukora amasanamu y’iyo ndirimbo kugira bikunde akure mu nzira indirimbo ziwe ziri mu rukurikirane rwiwe rwa kera, kugira bikunde azobashe gushira ahabona iziri mu rukurikirane rushasha tutarabasha kumenya ryari ruzosohoka canke igihe indirimbo zirimwo.

Spok’s akaba agiye gushira ahabona ayo masanamu y’iyo ndirimbo inyuma y’igihe kingana n’imyaka 2 adashira ahabona indirimbo n’imwe. Ico gihe cose akaba yabarizwa mu mwuga wo kumenyeshamakuru asanzwe arangurira mu mboneshakure BETV.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799