BurundiDiasporahomepagekirundi

Steve Derrick yashinze insamirizi muri Sweden itanga ibiganiro mu rurimi rw’ikirundi

Insamirizi Africa for hope n’insamirizi ivugira mu gihugu ca Sweden, ikaba isanzwe itanga ibiganiro mu rurimi rw’ikirundi. Iyo nsamirizi ikaba gushika ubu icishako ibiganiro vy’imice 3, birimwo ic’inkino (Sport), abanyafrika turahari kandi turashoboye   n’ic’ubuntu n’ubwisange. Iyo nsamirizi ikaba itarakwiza umwaka itanguye, kuko yatanguye mu mwaka wa 2020.

Muri Live ya Instagram yaciye ku rubuga rwa Tugumadori ku musi w’ejo igenekerezo rya 14/2. Umurongozi wayo ariwe Steve Derrick benshi bamenye muri Rema Sport mu myaka y’imbere ya 2011, yavuze uburyo iyo nsamirizi yatanguye n’intambamyi bahuye nazo.

Muri ico kiyago yavuze ko intambamyi bahuye nazo nuko vyabaye ngombwa ko abanza gusubira ku ntebe y’ishure kugira bikunde bamuhe uruhusha rwo gukora uwo mwuga muri ico gihugu. S’ico gusa kuko ngo abo biganye bari bashimye gushingana iyo nsamirizi ngo ntivyakunze kubera batashotse babemerera, noneho bacike integer hakiri kare.

Steve avuga ko inyuma y’ukwankirwa akatari gake rimwe bakabahora ururimi, ikindi gihe bakabahora izina, eka ngo ntihabura ico bahogwa gushika bahinduye umugambi w’iyo nsamirizi ikaza kwitirirwa iy’abarundi n’abanyarwanda.

Steve Derrick avuga ko gushika ubu ata Studio n’umurongo (Frequence) vyabo bwite bafise, ahubwo ngo barakotesha umurongo co kimwe na Studio bakorerako, kuko kugira babashe kubironka ngo bibasaba amafaranga atari musi y’ 25,000 $, nkuko yabandanije abivuga muri ico kiyago yarimwo.

Imbere yuko ikiza ca Corona Virus gikomera muri ico gihugu ngo bari bamaze kuronka ababashigikira, akaba yavuze ko bashobora kuronka uburyo uwubarihira nk’ico kibanza bakoreramwo mu kiringo nk’ic’umwaka wose canke imyaka 2.

Steve Derrick akaba ahanura abandi bose boshima gushinga ibinyamakuru mu bihugu basuhukiyemwo ko bobanza bakabaza amategeko muri ivyo bihugu uko yifashe n’ico avuga ku bashaka gushinga ibinyamakuru.

Mwomenya ko Steve Derrick adakorera iyo nsamirizi gusa, kuko imbere yuko batangura ngo yarafise akandi kazi vybaye ngombwa ko agabaya amasaha yakora, kugira bikunde aronke umwanya wo kuja gukorera iyo nsamirizi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768