East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Tanasha Donna yerekanye imbanyi mu mashusho asa n’uwuri gusa

Tanasha yatanguye gushira ahabona amashusho yerekana imbanyi yiwe bivurwa ko isigaje igihe gito, nayo ivyamamare ntivyaretse kugira ico bizivuzeko.

Inyuma y’uko Diamond amenyesheje ko umukunzi wiwe buca yibaruka, uwo mwigeme, Tanasha Donna, nawe yatanguye gushira ahabona amasanamu y’iyo mbanyi.

Nkuko vyabonetse Ku rubuga rwa Instagram asanzwe akoresha, amashusho asa nkaho ari gusa, ariko yerekaba iyo mbanyi niyo yashize ahabona.

Ayo amashusho bakaba yaherekejwe n’amajambo akomeye arimwo ugushimira Diamond uburyo yamurungikiye umurwi mwiza uje kumufotora.

Ku yindi shusho yashizeko, uwo mwana w’umunya Kenya yamenyesheje ko yatevye kuyirekura kuko yariko ategura Baby Shower.

Ayo mashusho akaba yabandanije agira ico avuzweko n’ibihangange mu muziki bitandukanye. Murivyo hakaba harimwo abanyarwanda co kimwe n’aba Tanzania nka Nay wa Mitego, Esma Platnumz n’abandi.

Diamond nawe ntiyaretse kugira ico ashikiriza, aho yavuze ko arindiranye igishika uwo mwana wiwe. Uwo akaba azoba agize uwa 4, azoba ari umuhungu wa 3.

“Young | cute | Genius& Humble…. My world… Body & Blood…. I really can’t wait for That mini me” Vyanditswe na Diamond kuri Imwe muri izo Post. 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769