East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Tanasha yaricujije icatumye asohokana na Diamond Platnumz


Tanasha ngo yaricujije cane kuba yaremeye gusohokana na Diamond, kuko vyamuteye uguhahamuka gukomeye cane. Ivyo n’ivyo aheruka gushikiriza mu kiganiro na Wasafi Tv.

Muri ico kiganiro Tanasha yamenyesheje ko vyamutwaye igihe kitari gito ngo bikunde yakire ko asigaye agendana na Diamond, ivyo ngo ni kubera uwo mukunzi wiwe yari umuntu akunzwe cane , Star, kumusumvya.

Tanasha yabandanije avuga kandi ko vyamugoye cane kubera abakunzi ba Diamond ngo bari bagoye kwakira kubera amajambo mabi rimwe na rimwe bamuvugako, ivyo we ataramenyereye nkuko yabandanije abishikiriza.

Uwo muvyeyi w’umwana umwe akaba kandi avuga ko muri ico gihe ngo vyamuteye uguhahamuka gukomeye, ariko aza kuhakurwa n’umuryango wiwe aho bamubaye hafi cane, bamufasha kwakira ivyo ariko arabamwo.

Mwokwibuka ko uwo mwigeme aheruka gushira ahabona urutonde rw’indirimbo zitandukanye yakoze, zirimwo izo yakoranye na Diamond, iziwe bwite n’izo yakoranye n’abandi, aho hakaba hari mu mpera z’ukwezi kwa 1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769