BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Tanzania na Uganda kuri Meili ngo yari intango

Meili ngo abarundi bari bakwiye kumenya ko gukora umuziki hano iwacu bidasigura ko uca uguma uri uwo ngaha gusa. Ivyo uwo muririmvyikazi aheruka kubiyagira Indundi Hit Show.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyikazi yavuze ko ivyashikirijwe ko Indirimbo yiwe na YKee Benda itakiriwe neza kuko irimwo icongereza cinshi ngo vyaramutangaje, kuko kubwiwe abarundi bari bakwiye kuryohererwa ko umurundi mwene wabo aririmba indimi mva makungu kugira Indirimbo ziwe zishike kure gose.

Uwo muririmvyikazi aheruka kuzunguruka mu bihugu 2 vyo muri aka karere, Tanzania n’Ubuganda, avuga ko ugushaka ko umuziki ushika kure arico catumye ashima gukorana Indirimbo n’umugande.

Meili muri ico kiyago na Alan The Real ntiyaretse kumenyesha ko afise umugambi wo kuzunguruka mu bihugu bitandukanye vyo muri kano karere.

Mwomenya ko hari n’amakuru yashikirijwe ko afise Indirimbo yakoranye na Zuchu, umwe mu baririmvyikazi akunda cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775