BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Thecatbabalao akanze Sat-b, ya ntare batinya ihinda umushitsi

Sat-b arajugumiye asubizako Video yari yarakuye ku rubuga rwiwe rwa Instagram. Aho n’inyuma yaho uwiyita Thecatbabalao wo mu gihugu c’Urwanda avugiye ko ariwe yakoze ibishoboka vyose ngo Sat-b akwize wa 1,000,000 aheruka gukwiza kuri Youtube.

Mu masaha y’umuhingamo w’uyu musi wa 2, ku rubuga rwa Instagram rwa Thecatbabalao, hashizweko Video y’uwo mu paparazzi, aho yavuga ko Sat-b atigeze amushimira mu gihe yamutoye abandi bose bamutaye, arira ayo kwarika.

Sat-b ntiyatevye kuri iyo Video nyene aba ashizeko amajambo aho yavuga ko amubesheye, ngo kuko yaba we yaba Ally Soudy, yaba Ddhumba na Meddy ubwiwe ngo arabemera cane. Muri ayo masaha nyene Sat-b aba asubijeko igice ca Video yari yashizeko ariko aza gufuta.

Igice yashizeko n’igice ashimira abantu bamufashije, abarundi abashimira muri rusangi, mu gihe abandi b’abanyarwanda barimwo Ally soudy, Thecatbabalao, Ddhumba n’abandi abavuga mu mazina. Ayo mazina nyene n’ayandi y’abasanzwe bamenyekanisha umuziki I Kigali bakaba babonetse ku majambo yanditse aherekeza iyo Video.

Yagize ati : “ Hahahaaa umikobwa wanje Thecatbabalao iyi video yabaye Viral caaaane hose natyo wabonye? Reka reka utobashimira yoba yitwa uwa nde? Media z’I Burundi Ally soudy, Kasuku media, Thecatbabalao, Ddhumba na Meddy mweeeseee tuu narabashimiye abandi nka Emmy Rwanda ikinege Philpeter n’abandi  kuri Social Medias mwubahwe kandi Thank You @ Abarundi dufise ikinyabufura cane.”

Naho abaho hakurya bavuga ko aribo bakoze ibishoboka ngo Sat-b atere iyo ntambwe, nawe akanabihezagira, hari abatari bake barimwo abakorera kuri Instagram nka Burundionthemap, Bestof257 canke Burundihotsongs bakoze ibishoboka ngo abantu bakangurirwe gukurikirana iyo ndirimbo kugira ikwize ivyo biharuro. Bamwe bamwe bo bakaba bagenda baratanga uko ibiharuro bikurikirana. Ariko abo akaba yabarengejoko uruhu rw’amazi, ashimira abo muri ya misozi 1000.

Muri abo nyene asa n’uwurabisha ijisho rimwe, hakaba hari n’abatanguye urundi rugamba rwo gukangurira abarundi kandi kubandanya baraba izindi ndirimbo ziwe ngo barabe ko n’izindi nka 3 zoheza zigahamvya Beautifull, naho asa n’uwutaberekwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775