groups-at-messageInkinokirundikirundi_SportsSportsport_promoted

Tokoto na Evra bamaze amezi agera kw’ 9 babohewe i Mageragere

Umukinyi Nduwimana André batazira Tokoto akina kuruhande hamwe na Ndoriyobija Eric batazira Evra, akina inyuma bamaze amezi arenga kw’icenda bafungiwe mu gihugu c’u Rwanda mw’ibohero rikuru rya Nyarugenge riri i Mageregere .
Uko umwaka utashe bamwe mu bakinyi ba hano iwacu barasimbira mu gihugu c’u Rwanda kurondera amasumo, aho bagurwa n’imirwi itandukanye yo murico gihugu.
Imvo nyamukuru ya vyose akaba ari agashahara kisununuye baharonkera, maze bakiteza imbere, bagateza imbere n’imiryango yabo muri rusangi.
Amategeko y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu c’u Rwanda(FERWAFA) akaba ategekanya ko ata bakinyi barenga batatu b’abanyamahanga bakina mu kibuga, ibitorohera abakinyi b’abarundi baja kuronderayo akarusho.

ku mvo z’ubwinshi bwabo hari bamwe bahitamwo inzira yo kurondera ivyangombwa vy’ico gihugu biyise imvukira, ikaba ari nayo mvo nyamukuru yoba iboshe Tokoto na Evra (Gutunga ivyangombwa vy’ico gihugu batabifitie uburenganzira)
Bikavurwako urwo ruhigi rutakoze kuri abo babiri gusa, ahubwo ko abashika ku 30 b’abarundi batswe ben’izo mpapuro.

Bamaze kwumva ko ivyo bakoreye mu gifuri vya menyekanye, Andre na Eric baciye bayanyaga baca basubira i Bujumbura banaciye mu nzira zitazwi n’amategeko yivyo bihugu vyompi, nayo haheze igihe bobona gusubira mu gihugu c’amasumiro bazi ko ico bahunze cahavuye niko gufatwa batarinjira mu gihugu bafatwa na Police ijejwe uruja n’uruza mur’ico gihugu.
Umwe akaba yafashwe kw’igenekerezo rya 07 Nyakanga(09) umwaka wa 2019, uwundi aza gufatwa kw’igenekerezo rya 14 nyakanga uwo mwaka nyene.
Nayo ngo isubira inyuma ryaba akaba ari uko imirwi bakinira yari yabatumyeko ngo baje gutora agafaranga bari babafitiye.
Aya makuru akemezwa n’umufasha wa Andre Nduwimana muri kino gihe nawe ari mu gihugu c’u Rwanda mu tumbero yo kwegera umufasha, agatako akamenyesha ko bamaze ku buranishwa incuro zigera kuri 4 zose ariko gushika ubu bakaba batarakatirwa canke batezurirwe.
Abo bakinyi bampi bakaba bari bamaze gukinira umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba, nayo mu Rwanda André Nduwimana yakinira Mukura Vs, mugihe Ndoriyobija Eric yakinira Police Fc .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 646