BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Treyzo na Rappy Boy ngo bagabanye igiswahiri

Inyuma ya Collabo umugwi w’abasore babiri, Treyzo na Rappy Boy bakoranye na Berry Music, abo basore ngo bagiye gushira ahabona akandi karirimbo gashasha ariko ko bazoba bakikoranye nk’uko babiyagiye abafana babo.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram, umwe muri abo basore yasavye abafana kumubwira ico batashimye mu ndirimbo baheruka gushira ahabona.

Bamwe bakaba basavye ko indirimbo ikurikira yoshirwamwo igiswahiri gike, kuko ngo bica bibagora kwumva.

Abandi nabo basavye uwo mugwi kuraba bagatanga indirimbo zitambika kuko arizo zigezweho, ico kikaba ari kimwe kinashimangirwa n’aba Dj batari bake.

Abandi babona ko uwo mugwi wo ahubwo wokora indirimbo irimwo icongereza cinshi kugira bikunde babone kugwanira isoko ryo muri Africa y’ubuseruko.

Abo basore kandi basabwe kuza bararaba neza abo bakorana indirimbo kuko ngo muri Bigi Bigi iheruka ngo umuririmvyi Berry Music atifashe neza, kuko igice ciwe ngo ucumvirije harimwo akantu kaburamwo.

Trey Zo yariko asubiza ibibazo vy’abafana akaba yemereye abafana kugira ico akoze kuri ivyo bamusavye, naho atashikirije ryari izosohokera.

Mwomenya ko iyo ndirimbo Bigi Bigi ikaba imaze kurabwa n’abarenga 100,000 muri iyo misi 60 imaze ishizwe kuri urwo rubuga rwabo rwa YouTube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775