BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ubugabo bwa Yago ngo ni Alvin abuzi

Alvin Smith yagarutse Kandi ku mugabo yabonetse cane hampande yiwe aho yari i Kigali mu bikorwa vyiwe vy’umuziki.

 

Uwo muririmvyi akoresheje urubuga rwa Instagram mu gice ca Story akaba yamenyesheje ko abatubaha umugabo w’umunyarwanda azwi cane kw’izina rya Yago ngo n’abataramenya akamaro kiwe.

 

Nkuko tubisoma kuri urwo rubuga Alvin yanditse ati : ” Uyu musore ni muto muto, ariko ibintu akora ni bininiya cane, mumwubahe kuko s’uwusanzwe. Yago Uwutakuzi yokwihendako ariko jewe ndamaze kubona agaciro kawe, God Bless You.”

Ivyo Alvin akaba avyanditse inyuma y’ugukubitira i Kigali incuro zibiri mu kwezi kumwe, aho rimwe yari yajanywe n’ukurahura ubwenge aca avayo akoranye indirimbo na Bwiza, irya kabiri akaba yasubiyeyo gukora amasanamu y’iyo ndirimbo yakoranye na Bwiza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775