africa newshomepagekirundi

Ubugeni bw’ababana basangiye ibitsina bwimwe ikibanza c’ubugeni bitera ikibazo

Kimwe mu bibanza vyakira ubukwe muri afrika y’epfo vyanse kwakira ubukwe bw’ababana basangiye igitsina, aho ni mu gihe ico gihugu kiri muri bike vyemerera abantu kubana basangiye igitsina.

Amakuru dukesha ibinyamakuru vyo muri ico gihugu avuga ko ico kibanza inyuma y’uguhakanira abantu kuhagirira ubugeni, ngo cahavuye kirabwa nabi n’abashigikiye abo bashaka kugira ubwo bugeni.

Abo bashigikiye abo bashaka kugira ubugeni ,Megan Watling et Sasha-Lee Heekes, bahavuye bashiraho ico mu kinyamazuru bita Petition ngo bikunde umurwi w’igihugu w’agateka ka zina muntu ubarenganure, kuko abo bakundana bavuga ko agateka kabo katubahirijwe.

Naho abageni baronse ababashigikira, bene ico kibanza nabo ntibatereranywe kuko bahavuye bashigikirwa n’ikigo Michael Swain de Freedom of Religion South Africa aho kivuga ko bene ico kibanza bari bafise uburenganzira bwo kwaka kubera ukwemera kwabo.

Ayo makuru abandanya avuga ko ico kibanza mu mwaka wa 2017, wigeze kandi kwankira ababana basangiye ibitsina b’abanyamerika kugirira ubugeni muri ico kibanza.

Mwomenya ko afrika y’epfo arico gihugu ca mbere muri Afrika cemeye ko abantu bashobora kubana basangiye ibitsina, hakanatorwa amategeko abakingira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755