BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Ubushikiranganji bw’inkino n’imicokama bugiye guhagurukira ibibazo bihanze igisata c’imicokama

Ezeckiel Nibigira umushikiranganji w’inkino n’imicokama yagiranye inama n’abatwara amashirahamwe y’imigwi ndangakaranga, noneho bamushikiriza ibibazo bihanze ico gisata.

Mu bibazo vyashikirijwe harimwo ikibazo c’ibikoresho bitaboneka, Dunia Abed akaba asaba ko ubushikiranganji bwobaba hafi kugira hakenewe ibikoresho babibaronse ngo kugira babandanye gutsimbataza ako karanga ata kanenge.

Ikindi kibazo cabonetse n’ikibazo c’ibibanza vyo gukoreramwo ibiteramo, ngo ico n’ikibazo gikomeye kuko bategura ibiteramo ariko bakabura aho bavyerekanira, nkuko vyashikirijwe n’uwundi nawe arongoye umugwi ndangakaranga.

Ikindi kibazo cabonetse n’ikibazo c’Uburyo bwo gukoresha cashikirijwe na Kwizera Freddy asanzwe arongoye Ishirahamwe ry’abaririmvyi (AMB), aho avuga ko iyo babajije mu bushikiranganji bababwira ko hari ikibazo c’Uburyo. Aho akaba asaba ko ico gisata naco cohabwa uburyo nk’ibindi bisata kugira abaririmvyi n’abandi banyabuhinga bahatorere akoyoko.

Uwo mushikiranganji yamenyesheje ko bagiye kuja hamwe kugira bagerageze gutorera umuti ico kibazo gihanze ico gisata.

Yagize ati : ” Niyumvira ko tugiye gushira hamwe ivyiyumviro, turabe ingene ico kibazo twogihagurukira, tugiye gushira hamwe inguvu. Ibisigaye tukaba tubashimiye, turavye akanya dufise tukabemerera ko tuzobandanya tuyaga.”

Iyo nama yabaye ku musi wa gatanu, ikaba yari yitabiriwe n’abatari bake bava mu mice itandukanye y’iyo gisata nk’abaririmvyi cane cane abaririmba indirimbo ndangakaranga, izo bakunze kwita iz’isi co kimwe n’abaririmba izihimbaza Imana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799