BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ubutandero nibwo butuma abafana bahunga ibiteramo

Bwabundi Berry Music yifatanije na Beat Band hageze, kuko abafana ngo kimwe mu bituma badashima kuja mu biteramo vy’abaririmvyi hano iwacu, ngo n’uko baririmba ama Playback. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’umufana atashimye ko bamuvuga izina.

 

Acishije kumu Influencer w’umurundi abarizwa muri Canada, uwo mufana akaba yavuze ko ikindi gituma batitabira ibiteramo ngo ni uko abo baririmvyi ari ibitandero, ngo birigwa bishurana nabi Kuma Reseau Social, eka bakanatukana.

Uwo mufana Kandi yanavuze ko ukuba ibiteramo bidatonze umurongo mwiza ngo ari kimwe mu bituma abo bafana barabasha kwitabira ibiteramo vy’abo baririmvyi.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe B Face nawe aheruka kwidoga ko abafana aribo batitabira ibiteramo. Ivyo akaba yabishikirije yisunze ko igiteramo giheruka kwitabirwa n’abaririmvyi b’abarundi bakomakomeye gusa, ngo hitavye muri ico giteramo abafana baharuye ku ntoke.

Uwo mufana yifashishije Boris Evrard, akaba yavuze ko abo baririmvyi bari bakwiye kwigira ku baririmvyi ba Gospel aho ibintu vyabo biba bitonze umurongo.

Uwo mufana akaba yanavuze ko ukuba ibintu bitonze umurongo, bituma amafaranga arihishwa mu biteramo aheza akiyongera, akaba yerekanye ko ata giteramo ca Gospel kija musi y’amafaranga 10,000.

Ikindi uwo mufana yashikirije nuko ukuja kuri Stade bitari ngombwa, ngo ahubwo abo baririmvyi baramutse batondetse neza ibijanye n’umuziki wabo, ngo ikibanza kijamwo abantu 10000 gikwiye kugira ubashe kwikorera concert.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe abaririmvyi batandukanye bagize igihe bashikiriza ko bose bijukiye live music, ariko bamwe bamwe bakaba bavuga ko abategura ibiteramo aribo badashima kuzana aba Live Music, kuko bo baba bazimvye cane mu gihe ushaka ko mukorana igiteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775