BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ubutumwa Natacha yatanze ntibubonwa kumwe

Natacha ntiyigeze yishura umuntu numwe mu bamuvuzeko nabi ku rubuga rwiwe rwa Facebook, aho bariko bamushira mu kibanza kitajanye n’ubutumwa yari yashizeko abatari bake bariko bamutera amashurwe.

Ishusho yafatiwe ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye afata urugendo rwerekeza muri Kenya, Natacha yashikirije ubutumwa butashimwe na bose kuko hari ababona ko harimwo ubwibone, mu gihe abandi batari bake bo bamuteye amashurwe.

 


 

“Yari kuba dufise ba Natacha nka 10 mu gihugu cacu I mean abaririmvyi. Nta gihugu coj’imbere yacu mu muziki.” Vyanditswe na Natacha kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 25/11 isaha zitatu z’igitondo.

Nkuko nari nababwiye ko hari abatari bake berekanye muri Commentaire kuri urwo rubuga ko naho bamwemera, ngo ico kibanza yihaye kitamubereye kubera hari abandi benshi bamusumba, abandi bo banamubwira ko ataco ariko aramara ata bushimwe ariko arazanira igihugu nkuko abandi mu bindi bihugu bariko babikora.

“Natacha nta kintu afise nta nico ashoboye Atar’ukwonona amafaranga…”
“Reka kuba muribeshera, ba Natacha 10 bomaz iki? Mu gihe abandi bo mu karere bariko batwara ama awards akomeye nka Afrima n’izindi weho uriko wifotoza. Umuziki wabananiye nimuje kwibera abarorerezi.”
“Ewe usivye gukina Comedie ivy’umuziki ntavyuzi kweli. Ahubwo iyo muba nkaba Natacha 2, Uburundi bobukuye kuri Liste kuko ntaririmba ryawe ntaryo”

Ariko wumva hari abatamwerekwa, abashima ivyiwe bo ntibabuze naho baterekwa ko hoboneka abandi nkawe 10 kuko vyogorana uburyo abandi bakora akazi, kuko ngo ari wenyene abatesheje umutwe, babaye benshi ntivyokworohera abarundi.

“Ba Natacha 10? Hahahah…. Emwe reka tugumane uyu nyene arakwiye. Nayo 10 …. Mwoca mutugwaza imbavuuu… uri umwe gusa udutesheje umutwe. Ibaze 10 Vraiment.”
“Wewe wenyene uraduteshumutwe urumwe, ahubwo Imana yarakoze kubera yaba muri na batanu bonyene nta nuworonka naho aca.”
“Ahubwo n’ugusenga cane Imana idufashe ntihaze havuke uwundi twoba tugowe, na wewe urumwe wananiranye, ibaze hajemwo abandi 9.”

Aha mukamenya kugeza aho twabashije kugeza amaso mu ma Commentaire arenga 200 yabashije gushirwa kuri iyo Post, bake cane kandi bavuga neza uwo muririmvyikazi aribo babashije kwishurwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775