BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Ubwo Juste Gael yarabereye kwakira S.E Evariste Ndayishimiye?

Iboneka ry’umukuru w’igihugu ku rubuga rwa YouTube rwa Juste Gael bita Umukubito, ntiryavugushije abanya Kigali gusa nkuko twari twabivuzeko mu misi iheze gusa, ahubwo n’abarundi n’abo ntibabibonye kumwe.

Hampande y’ikinyamakuru Yaga Burundi kitarabwe neza n’abatari bake kubera inkuru banditse Kuri ico kiganiro, aho abatari bake bavuze ko humvikanyemwo Ishari bafitiye abakorera ku buhinga ngurukanabumenyi, no mu nkuru banditse humvikanyemwo abataraba ryiza ico cakozwe n’umukuru w’igihugu.

Nkuko twari twabivuze ca Kiganiro, mu misi iri musi 7 irabasha kuronka Views 100,000, kuko twandika iyi nkuru, ico kiganiro cari kimaze kurabwa n’abarenga 96,000 mu misi 3 gusa. Ico kiganiro kikaba kizoba kibaye Ica mbere hano iwacu kironse izo Views mu misi mikeya.

Muri ya Nkuru yandikwa na Yaga, hakaba humvikanye ko abamenyeshamakuru bataryoherewe ko umukuru w’igihugu yahaye ikiganiro ikinyamakuru kitemewe n’urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura uko ibinyamakuru bikora CNC.

Abandi bakaba bavuga ko umwuga wo kumenyeshamakuru woba warapfuye, ubu ngo hagezeho abo bita aba Createur de contenus gusa.

Iyo myidogo ya bamwe mu bamenyeshamakuru akaba itaryoheye abandi muribo, co kimwe n’aba Influencer, bo basanzwe bari mu bamenyeshamakuru ariko Kandi basanzwe banakorana vya hafi n’abo ba Createur de Contenus.

Abo bakaba bavuga ko ritabaye irya mbere biba, kuko ngo no kuri Landry Promoter, ngo naho vyarabaye. Bakaba bavuze ko n’uru bazorutsinda nkuko batsinzwe kurwa Landry.

Abandi barimwo n’ico kinyamakuru nyene, babona ko ugukorana na Juste Gael, umukuru w’igihugu yabikoze nk’umukenyuro mwiza, nkuko vyanakozwe na Emmanuel Macron mu kwezi Kwa 5 akorana n’abagabo 2, Mcfly na Carlito, n’abo nyene ataho bahuriye n’ukumenyeshamakuru.

Uwo twaganiriye nawe akaba yamenyesheje ko kubwiwe abona ko umukuru w’igihugu yakoze umukenyuro mwiza, kuko uno musi urwaruka rutari ruke rutacumviriza izo nsamirizi bamwe bamwe bavuga ko yarakwiye guha ikiganiro. Ngo ubutumwa buraba urwaruka nk’ubwo yatanze muri ico kiganiro yagiranye na Juste Gael, ngo bwari bukwiye kuza buracishwa muri izo Web tv zisigaye zikunzwe n’Urwaruka cane.

Nayo Elsie Gretta Kuri Twitter, akaba yamenyesheje ko naho ikinyamakuru Yaga cagumye gihagaze ko Umukubito Tv, utarandikwa muri CNC, ngo hoba hari amakuru ahari avuga ko bagiye kwemerwa n’Urwo rwego rw’igihugu.

Yanditse agira ati : “Muri iyi Article ya << Yaga>> bagumye bagarukana ko umukubito TV itemewe na CNC, ariko twabonye ko gukora neza bidasaba kuba wemewe na CNC, mais heuresement hari amakuru meza yemeza ko umukubito TV igiye kwemerwa na CNC mu misi iza.”

Naho wumva abateye mabuye Yaga batabaye bake, hari n’ababonetse batayiravye neza, ahubwo bavuze ko abantu batahuye nabi ubutumwa bwa Yaga, kuko ngo bashaka kumvisha abantu agaciro k’iyo TV online kuko ngo bavuze ko icishako ibiganiro vy’aba Jeune Entrepreneur.

Nelly Nat yanditse agira ati :” Dutahuzanye, Yaga ntabwo yanditse Article kubera inzigo, ahubwo barasesanguye baratahuza ababakurikirana Yuko son excellence yakoze interview Kuri TV online itanditswe muri CNC, ntabwo Ari ukuvuga nabi. Ahubwo natahuye Yuko bashatse kwerekana agaciro kahawe Umukubito Tv n’umuntu w’icubahiro. C’est pour Encourage Les autres, kuko baranditse yuko ibiganiro bicako arivyaba Jeunes entrepreneur yaramaze imisi Akora. Nta nzigo irimwo , mwarahuye Yaga nabi.”

Naho wumve abatari bake bagize ico bashikiriza, Kuri ico kiganiro Kiriko kirababa ibihumbi 100 vy’ama Views, nyene kugikora we akaba ataco arabasha gushikiriza Kuri ico kiganiro, canke ngo hamenyekane ico yoba yarongoreye mugenziwe Ku biriko biravugwa.

Mwomenya ko Juste Gael Ari muri ba YouTuber b’abarundi badakunda gukoreshwa ibiganiro, Ica nyuma duheruka kumubonamwo kikaba Ari ico yakoranye na Idriss Simbizi agikoresha iyitwa Project x.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760