BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ugukeza Vania ice n’ugutebura nivyo vyabonetse

Umuririmvyikazi Vania Ice ngo yamaze kuva kw’isoko. Uko Niko uwo muririmvyikazi yanditse ku rubuga rwiwe rwa Instagram, aho yayaherekezesheje n’ishusho arikumwe n’umukunzi wiwe.

Uwo muririmvyikazi akaba iryo shusho ry’ikobwa ryiwe, ryavuzweko n’abatari bake barimwo abaririmvyi abakurikiranira hafi umuziki, eka mbere n’abantu basanzwe.

Hampande y’abamukeje kuri iyo ntambwe yateye, hari n’abariko bamutwenza ko batanguye gutahura impamvu Indirimbo aheruka kwumvikanamwo yari iryoshe.

Emery Sun we ku yindi foto ya Vania akaba yabaye arisabira imbabazi, ngo naho yatanguye kwimenyereza kumwita Madam, ngo aramutse avyibagiye azomwibutse.

Vania akaba ashize ahabona iyo nkuru yaryoheye benshi mu gihe hari amakuru ko ashobora kuba agiye gukorana na Label yo mu gihugu kibanyi c’Urwanda ariyo Kina Music. Ivyo bikaba vyavuzwe inyuma y’ugukorerayo Indirimbo mu misi iheze.

Tukaba tunaboneyeho akaryo ko kumukeza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775