BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusicUncategorized

Uguterana amajambo kwabaye hagati ya Ismail Niyonkuru na Dj Fanny ku giteramo can Alikiba

 

Igiteramo ca Alikiba co kuri uyu wa 25/12 cavuzweko ibitari bike n’aba na bariya barimwo umumenyeshamakuru yahoze akorera insamirizi Rema Fm, Ismail Niyonkuru, aho asa n’uwutabona neza ico giteramo, noneho akagitega imisi, aho yabona ko ico giteramo kiza guhomba.

Nyamurangwa Fanny, ari mu bazanye uwo muririmvyi hano iwacu, yahavuye asa n’uwumusubiza naho atashimye kumuvuga mw’izina, aho yamwibukije ko ico giteramo atari ica bose, ahubwo cari ic’abantu biyubashe.

Abariha amafaranga make barishe amafaranga 50,000 bif, nayo abubahwa bakomeye (VVIP) bo bariha 100,000 vy’amafaranga ya hano iwacu. Ico giteramo cabaye kuri uyu wa 25 kigarama kuri Arena kikaba catanguriye ikiza kubera kuri EFI nyakabiga aho abantu baza kwinjira binjira ku mafaranga 10,000.

Uwo mumenyeshamakuru ku rubuga rwiwe rwa Facebook ntiyaretse kwibuka abatariko bavuga neza ico giteramo ko abari ngaho banyagiwe n’imvura, ariko kubera abaje bashaka cane kubona uwo muririmvyi ngo bahisemwo kumurindira kugira noneho babandanye baryohererwe uwo mushitsi.

Aha mukamenya ko uwo mumenyeshamakuru yasa n’uwuvuga ko ari nka hamwe ico giteramo co muri Arena kiramutse kitagenze neza, ngo n’ic’uyu musi kirashobora naco kutitabirwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799