BurundiHealthhomepagekirundiSanté

Uko ibipimo vya Covid-19 vyifashe mu Burundi gushika kuwa 20 Nyakanga

Kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 22 Nyakanga umwaka w’2020, umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida yashize ahabona icegeranyo c’ingene umugera wa Corona wifashe kuva ucinjira mu Burundi gushika kuri uyu w’Imana uheze igenekerezo rya 20 Nyakanga uwu mwaka turimwo.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, umushikiranganji Thaddee Ndikumana yamenyesheje ko gushika iyo tariki hari hamaze gupimwa abantu bose hamwe bagera ku bihumbi mirongo itatu na bine n’amajana indwi na mirongo ibiri na batatu (34723), muri abo hakaba harimwo abagera ku bihumbi mirongo itatu na bibiri n’ijana na batandatu (32106) bapimwe muri rya sekeza riheruka kuba.

Muri abo bose bapimwe, abasanze baramaze kwandura covid-19 bakaba bangana bose hamwe amajana ane na mirongo indwi na bane (474) harimwo amajana abiri na mirongo umunani na batatu (283) banduye batowe mw’isekeza.

Umushikiranganji Thaddee Ndikumana amenyesha ko gushika kuwa 20 Nyakanga uwu mwaka, abantu bose hamwe bashoboye gukira ko bagera ku majana ane na mirongo itandatu na babiri (462), icumi n’umwe (11) akaba aribo bakiriko baravurwa nayo umuntu umwe akaba ariwe yitavye Imana kuva coronavirus yinjiye mu Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765