BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Uku kwezi Drama T arava mu gacerere

Naho adatomora neza, ariko ukwezi kwa 6, gushobora kurangira aruko ashize ahabona Indirimbo nshasha, uwo s’uyundi ni WA muhungu Ari mu minwe ya Mugani Desire ariwe Drama T.

kuri uyu wa 3 igenekerezo rya 15/6 ku masaha y’umugoroba, niho uwo muririmvyi yashira akabutungu ku kwezi igikorwa ciwe gishasha kizoshirirwa ahabona.

Aho hari Inyuma y’imisi aguma avuga mu migani, yerekana ko hariho ikintu gishasha kiri mu nzira, ariko ntatomore neza ryari kizoshirirwa ahabona.

Mu vyabashije kubonake, nuko uwo muririmvyi azoshira ahabona Indirimbo irikumwe n’amasanamu yayo, naho atarabitomora neza.

Mwomenya ko Dram T yaramaze igihe kitari gito adashira ahabona igikorwa na kimwe gishasha. Akaba yaheruka gushira ahabona EP Yise Revolution Rose, ariko Clip Video ya nyuma yo ikaba yashizwe ahabona hagira hahere Amezi 10.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775