BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Uku niko Kidum abona ivya Rally Joe n’umuziki

Kidum ngo ntashobora kwemeza ko Rally Joe atakiboneka mu muziki.

Mu gihe Rally Joe atariko araboneka vy’umurengera nk’uko abafana bavyipfuza mu bikorwa vyiwe vy’umuziki, Kidum we avuga ko ico atarico gikomeye ahubwo igikomeye aruko yabonetse, ariko kandi ngo aracariho arakomeye.

Ivyo uwo muririmvyi w’inararibonye akaba yabishikirije mu kiganiro yagiranye na Akeza Webtv aho yagize Ati: “Aboneka [ Rally Joe] canke ataboneka jewe ntavyo nzi. Ico nzi gusa yarabonetse. Urabona simba ngaha. Rally Joe aracahari aracakomeye.”

Ivyo Kidum akaba abishikirije inyuma yaho Rally Joe ashiriye ahabona amasanamu y’indirimbo yiwe nshasha yise ” Mariya”, indirimbo yari isohotse inyuma y’umwaka urenga gato adashira ahabona akaririmbo na kamwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775