BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ukudatinya kwa Mutima kwamushikanye aho ageze

Mutima ngo icatumye ashika aho ageze nuko yabashije gutsinda ubwoba, noneho akaja ku kivi agakora cane.

Uwo mukinyi w’amareresi atwenza, avuga ko uno musi n’aho ageze ahashimishije ngo ntivyamye bimeze uko, kuko yabanje kugwana kugira abashe gushika aho ageze.

Aganira na Juste Gael, Mutima yavuze ngo “Mubisanzwe ngitangura kano kazi, vyaranzazanira, ariko ndicara ndatsinda ubwoba.”

Ntiyagarukirije aho gusa, kuko yanamenyesheje ko iyo aza gutinya abandi bakora akazi kamwe bariho ico gihe, ngo ntiyari gutera intambwe n’imwe.

Yagize Ati:” Iyo nza kugira ubwoba kuba Comedien bari bahari, sinari kuba Mutima, ariko iyo ukoze cane birakunda. Iyo nza kugira ubwoba ibintu vyari bihari ico gihe, sinari kwitwa Mutima, ariko urabona uno musi biriko biraza.”

Mutima yabajijwe n’uwo mumenyeshamakuru asanzwe akorera insamirizi Buja FM n’urubuga umukubito, ikintu amaze gushikako atari azi ko azoshikako, ashikiriza ibishika kuri 3.

Yagize ngo :” Sinarinzi ko nohamagawe ahantu Umukuru w’igihugu yicaye nkamutwenza. Sinarinzi ko notwenza Stade yuzuye, sinibaza ko hazogera igihe ngendesha imodoka, kuko nakuriye mu buzima butari bworoshe.”

Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyi akaba n’umukinyi w’amareresi avuga ko abantu bari bakwiye gushira ivyizigiro vyabo ku Mana, kuko ngo iyo wizigiye Imana iragucira inzira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775