BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ukutidandaza gutumye badatumirwa i Kigali

Ikibura kugira abaririmvyi b’abarundi batumirwe i Kigali mu biteramo, ngo ni ukutimenyekanisha.

Muri aya mezi aheze abaririmvyi b’abanyarwanda bamaze gukorera ibiteramo hano iwacu ni abatari bake, ariko abarundi ntibaboneke batumirwa mu biteramo i Kigali, kuri bamwe ngo urugezo rw’urukundo si rumwe.

Ico ciyumviro ntigishigikirwa na Dj Briane umwe muba Dj bakunzwe i Kigali, igituma ngo nuko abaririmvyi b’abanyarwanda bo basohoka bagatumirwa kubera baba bimenyekanishije, mu gihe abandi bo basa n’abasinziriye.

Uwo mu Dj mu kiganiro Classic Vibe ca PJ classic FM, yavuze ko ikibura mu baririmvyi b’abarundi kugira batumirwe i Kigali ari ukwimenyekanisha, ngo nibabamenya ntikizobuza ko babatumira.

Muri ico kiyago nyene akaba yatanze akarorero k’igiteramo cari catumiwemwo Double Jay, ariko kikaza kwunguruzwa amatariki, ngo vyari gutuma uwo muririmvyi ashobora gusubira kandi guhamagarwa bikomeye.

Dj Brian akaba yamenyesheje ko indirimbo Double Jay na Kirikou bagiye gukorera i Kigali, ishobora kubugururira imiryango.

Mwomenya ko ukwo kutimenyekanisha kw’abaririmvyi b’abarundi bavyagirizwa cane, kuko abatari bake bavuga ko arico gituma badatera imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775