BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ukwumvikana kwa Sat-b na Big Fizzo ntivyakiriwe neza

Inyuma y’ukuririmbana Indirimbo Wezere mu giteramo giheruka guhuza abaririmvyi Big Fizzo na Sat-b, abafana bamwe bamwe bavuga ko uwo woba Ari umugambi mubi cane.

 

Umuririmvyi Sat-b ngo ukwo kuririmbana hagati yiwe na Big Fizzo ntibihagije kugira bibashe guhindura Industrie Musical ya hano iwacu, ahubwo ngo n’intambwe 1 mu zigera ku 10,000 zikenewe.

Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Sat-b ubwiwe abicishije ku rubuga rwa Instagram, aho yasangije abamukurikirana abarenga 183,000 amashusho bariko bararirimbana kuri Stage.

Naho bamwe mu bagize ico bashikiriza Bavuga ko bari banyotewe abo baririmvyi kuri Stage imwe, abandi bo bavuga ko urwo rukundo bariko barashaka kwunga hagati yabo ngo bizotuma umuziki utaryoha.

Bamwe mu barabira hafi ivy’umuziki wa hano iwacu, bakaba bavuga ko bitoryoha ko abafana ba Sat-b Baja gushigikira Big Fizzo.

Abo nyene bakaba banavuze ko ivyo bintu atana hamwe vyakabaye, bagatanga akarorero muri Tanzania canke mu Rwanda, aho abaririmvyi basa n’abahanganye, ata na rimwe barigera bashira ibigwanisho hasi.

Naho abo bavuga uko, hari uwundi muri Commentaire za Sat-b, yavuze ko uko biboneka ngo ukwo kwumvikana kwoba Kuriko kuraboneka hagati yabo baririmvyi ngo kwari gukwiye kuvyazwa umusaruro, kuko amafaranga ari mu bafana ari menshi.

Uwo muntu akaba yatanze iciyumviro ko baramutse bakoze EP canke Album bakoreye hamwe, noneho bakazunguruka Uburundi mu biteramo, ngo vyotuma abo baririmvyi begeranya amafaranga atari make.

Ikindi twabashije kubona kuri iyo Post ya Sat-b nuko Sat-b n’abafana biwe bataginze Big Fizzo na Team yiwe akatari gake, ariko icabonetse nuko atana hamwe Big Fizzo canke Bantu Bwoy bigeze bakora Like kuri iyo Post, canke Commentaire kuri iyo Post.

Ku bavyibuka, Big Fizzo yarigeze gusangiza abamukurikirana kuri Facebook video ya Sat-b, iyo Post ikaba yarabonye Commentaire ya Sat-b.

Bikaba rero bigoye kuvuga ico ukutaboneka kwa Like canke commentaire vya Big Fizzo kuri iyo Post ya Sat-b bisigura, kuko uwo muririmvyi aheruka gushikiriza ko ari uburenganzira bwiwe bwo kugira Commentaire, like canke gu followinga umuntu kuri izo mbuga.

Abo baririmvyi bakaba baheruka guhurira muri event yari yateguwe na Sat-b, aho yari yagiye bariko bumviriza urukurikirane rwiwe rushasha yaheruka gushira ahabona.

Ku batavyibuka abo baririmvyi bakaba batahora barabana ryiza, kuko umwe we muri abo 2 bafata ko akomeye gusumba uwundi. Ikibanza ca King rero kikaba cari kitoroshe.

Ku kibazo c’iyindi ndirimbo abo bagabo uko ari 2 bokorana, abo baririmvyi bose hakaba harabuze uwuhamagara uwundi, ariko bose bakaba mu biganiro bamaze gutanga bemeza ko buguruye imiryango, ngo umwe aramutse ahamagaye uwundi, ngo ntacobuza badakorana.

Ubwo rero bikaba bigoye kuvuga uwo akanyarigabo kazohera ubwa mbere noneho agahamagara mugenziwe bagakorana igikorwa kinyotewe n’abatari bake.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775