BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Umubabaro ya Sat-b itanguye kubonwa nabi itaramara na 2

Ibura ry’indimi mva makungu mu ndirimbo Umubabaro nshasha ya Sat-b ntibiriko birabwa ryiza na bamwe mu bafana ba Sat-b bo mu bihugu bitumva ikirundi yaririmvyemwo.

Imyidogo itanguye kuba myinshi mu bakurikiranira hafi umuziki wa Sat-b, intandaro n’ururimi mpuzamakungu rutariko ruboneka mu ndirimbo ziwe.

Ivyo bikaba bivuzwe bifatiwe Ku ndirimbo yiwe nshasha yise Umubabaro yasohoye kuri uyu wa 5. Iyo ndirimbo ikaba iri mu rurimi rw’ikirundi gusa.

Bamwe mu bakunzi biwe abakomoka muri Tanzania, bakaba bavuga ko yarakwiye kuraba agashiramwo Urundi rurimi, kugira bikunde abandi bumve ivyo aririmba. Abo bakaba bavuga ko uwo muririmvyi atakirabwa n’abarundi gusa ariko ngo n’ibindi bihugu bimuhanze ijisho.

Uwagize ico ayishikirizako, akoresheje igiswahiri yagize ati :<< Jitaidi bro kuimba kiswahili ukiangalia now hutegemewi na Burundi 🇧🇮 Bali East Africa 🌍 inakufatilia so unapo imba lugha hiyo wengine hatu understand.>>

Iciyumviro c’ukuririmba mu zindi ndimi, ntikiriko gihurizwako na bose kuko hari ababona ko kuririmba ururimi kavukire ngo bituma ururimi rutera imbere gusumba. Naho abandi bo babona ko yarakwiye kuririmba mu giswahiri nk’ururimi rw’akazi.

Asubira kandi yishura abadashigikiye kuririmba mu giswahiri cane agira ati :<<Jamani ni vizuri kuimba lugha ya nyumban ila Kuna lugha zingine upande WA kazi hazifai mfano ww ukitoka hapo ukaenda kigoma boda watakuuliza kiswahili kama hujui basi mutaongea kingeleza so akiimba kiswahili muziki wake utafika mbali sana>>.

Aho mukamemya ko muri ico gihugu kibazwa Magufuli indirimbo nka Feel Love na No Love arizo zemewe cane, kuko ari nazo zifata ikibanza ca 1 Ku muhora wiwe wa YouTube mu kurabwa cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775