Entertainmenthomepagekirundimusic

Umugambi wa Hamissa Mobeto wo gusubirana na Diamond iyo woba ugeze

Ugusubirana na Diamond ngo ntibiri mu migambi afise, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Hamissa Mobeto aho yari mu kiganiro ku nsamirizi Classic Fm muri Tanzania.

Uwo muvyeyi w’abana 2 avuga ko igituma adashima kuzosubirana nawe nuko ata gahunda bafitaniye, ngo nta ciza kiri mu kuguma bavana buri kanya.

Yagize ati : “Ndasubirana nawe, nta gahunda yo gusubirana nawe, sindavyiyumvira , sindavyipfuza.”

Kubwa Hamissa ngo ntibiba vyiza ku mwana kubona abavyeyi umwanya umwe bameranye neza, ariko ikindi gihe bakaba basubiriye mu nduru. Ngo ni vyiza gushiraho umurongo mu gihe mubona ko umwe muri mwebwe atiteguye kugira iyindi ntambwe atera.

Ivyo akaba yabishikirije imbere yuko umusi mukuru w’abagore ushika noneho Diamond akamushira mu gitiri c’abagore 4 bagendanye bagize kinini bakora mu buzima bwiwe. Abo akaba yavuze ko uko bizogenda kwose ngo bazokwama bari mu mutima wa Diamond.

Hamissa bakaba bamaze igihe kirenga umwaka bavanye, inyuma yaho bafataniye bahejeje gukorana amashusho y’indirimbo Salome yakunzwe cane. Ico gihe uwo muririmvyi yari akiri mu minwe y’umugandakazi Zarinah Hassan.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769