BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Umukuru w’igihugu ashobora kwitabazwa

Ca kibazo c’abanyamahanga barumirwa bagahembwa neza gusumba abarundi ngo ata gihindutse gishobora guhamagarwamwo Umukuru w’igihugu.

Impamvu ngo nuko abategura ivyo biteramo ari abanyamahanga bashira imbere inyungu zabo gusa, gusumba inyungu z’igihugu muri rusangi. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’umwe mu bakurikiranira hafi ivy’umuziki.

Nkuko twabashije kubibona ku rubuga rwiwe rwa Whatsapp, umwe muri abo bategura ibiteramo yatunzwe urutoke akitwa umunyamahanga ni Bizimana Paulin benshi bazi nka Dj Paulin.

Uwo mugabo ngo yarakwiye gutahurwa kuko ivyo akora vyose biranga ko ari umunyamahanga, ariko akaba yabwiwe ko yoraba agahesha, kuko nayahandi ubu numero z’umukuru w’igihugu ngo bose barazifise bazoheza bamwiyambaze.

Bizimana Paulin akaba yagirizwa ugushaka gufata urubuga rw’itegurwa ry’ibiteramo wenyene Kandi ku nguvu, ariko ngo arihenda kuko umugambi wo kumuhagurukira ngo uhari.

Dj Paulin akaba yagirijwe ugusumira inda yiwe gusa, Kandi ngo nico gitumye umuziki w’abarundi udatera imbere. Agahanurwa kugabanya ivyo ashikiriza kuna TV online.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe uwo mugabo yaheruka gutanga ikiganiro ku rubuga rwa YouTube rw’Umukubito, ashikiriza ko ata mugambi afise wo guhagarika gutumira abanyamahanga, akaba amaze guhamagara abatari bake Kandi n’abandi ngo bari mu nzira.

Ivy’ukwo gutumira abanyamahanga bikaba bivuzwe cane inyuma y’ugutumira abaririmvyi b’abanyarwanda, aho muri ico kiganiro yashikirije ko adatahura igituma arivyo biteye ikibazo mu gihe amaze gutumira abava mu mihingo itandukanye.

Intandaro y’izo mpari zose n’ukutabona kumwe kwahabaye hagati yiwe na Sat-B, ku mushahara w’imiliyoni 10 Sat-B ashikiriza ko yipfuza, nawe akavuga ko bitazokworoha ko ayaronka.

Uwo mugabo nyene akaba yanashikirije ko ayo mafaranga bitoroha kuyaronka kuko abatanga ama Sponsor baharurwa ku ntoke Kandi n’ayo batanga ari make cane.

Nelly Nat asanzwe akurikiranira hafi ivy’umuziki wa hano iwacu, akaba ariwe avuga ko ari nka hmwe uwo muyobozi wa Cristal atikebutse ngo azokwitura Umukuru w’igihugu.

Nelly muri Status twabashije kubona yanagarutse kuri AMB, aho adatahura igituma abanyamahanga badasiga igice c’amafaranga baba baciye hano iwacu, akaba avuga ko urwo rwego arirwo rwari rukwiye kubikurikirana.

Nelly ahanura ko ibice 30% vy’amafaranga uwo kunyamahanga yaciye ngo vyari bikwiye gusigara hano iwacu, gutyo uwo Muziki ngo woca uheza ugahabwa agaciro.

Dj Paulin yiswe umunyamahanga akaba Ari mu bategura ibiteramo bashingirwa intahe ko bariha neza abaririmvyi, akaba Kandi ari umwe mu bategura ibiteramo bikomakomeye hano iwacu, eka mbere akaba anagiye kwinjira mu bategurira ibiteramo abarundi mu mahanga, kuko uwa mbere mu kwezi kw’9 kw’umwaka uza azokora Tours imuzungurutsa umugabane w’Uburayi, Amerika co kimwe na Canada.

Nelly Nat akaba Atari irya mbere yanditse avuga ko azokwitabaza Umukuru w’igihugu mu bibazo vy’umuziki, kuko yanaheruka gushikiriza ko muri vya biganiro bigirwa n’umukuru w’igihugu aho yakira ibibazo vy’abanyagihugu bakoresheje telephone ngo azohamagara agashikiriza ikimubakiye mu bibazo birangwa mu Muziki hano iwacu. Ariko gushika ubu akaba ataco arabasha gukora.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775