Burundihomepagekirundikirundi_Sports

Umukuru w’Igihugu cacu ati” Ibi bintu ni Imana yabikoze”!

Isanamu zerekana Umukuru w’Igihugu ariko ashikirizwa ubushimwe bunyuranwe bwahawe Umupfasoni wiwe

Nk’uko tubikura rero ku kinyamakuru c’iradiyo y’Igihugu RTNB, ejo ku musi wa mbere igenekerezo rya 30/09/2019 niho umupfasoni w’umukuru w’Igihugu yari aramutse yakirwa mu ngoro nshasha NTARE Rushatsi aho yari arengukanye ubushimwe bunyuranye yaronkeye muri  gihugu ca Leta zunzubumwe bwa Amerika, nk’ifatwa mu mugongo ku bwigoro nta ngere adasiba kwerekana mu kurondera ihinduka ryiza ry’abene gihugu hamwe rero n’ukwitaho abadafise amikoro.

Umukuru w’Igihugu bwa gushima, yahejeje aramenyesha ko uwo ari umuhezagiro w’Imana kuri iyo ngoro  kuko,  ngo bugingo hari haheze imisi itatu gusa iyo ngoro itanguye gukorerwamwo, yakiriye ubushimwe bushika butatu. Ico rero ngo n’ikimenyetso c’uko iyo ngoro nshasha NTARE RUSHATSI HOUSE itazigira ihengeshanya nyabuna gutahwa amashimwe.

Yarahajeje kandi abandanya ashimira umupfasoni w’Umukuru w’Igihugu kuri uko kwitanga ntangere mw’ihinduka ryiza ku barundi hamwe rero n’ukwo nyene kwitanga atiziganya mu gufata munda bene amikoro make. Mbere ico ngo kikaba ari ikimenyetso ko  uwo mupfasoni yatahuye mu umutwenzi ugitamura uguca mu makanda y’umwami NTARE RUSHATSI yitiririwe iyo ngoro mu gatima nta ngere k’ugukunda Igihugu co muvyeyi wacu.

Nayo ng’uukuba umupfasoni w’Umukuru w’Igihugu yatewe iryo teka kukaba kwari, hambavu y’ugukengurukira Imana yaturemye, kar n’akaryo kandi k’ugukenguruka kuri abo bose bitanze batiziganya mu gufanya n’Umupfasoni w’Umukuru w’Igihugu kugira aheze abe yashitse kur’iryo terwa iteka.

Abarundi twese rero ngo turatewe akamo nyabuna gufatira kuri ako karorero keza maze tugaheza tukamiza hafi agatima, tukama tuzizirikana na ntaryo ukurondera ihinduka ryiza kandi rirama rya twese.

Twokwibutsa ko Ingoro nshasha ikoreramwo Umukuru w’Igihugu yari yinjiwe ku mugaragaro igenekerezo rya 27/09/2019

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878