africa newsEconomyFinanceshomepagekirundi

Umunyamafaranga wo muri Zimbabwe yemeye guhemba abaganga amezi 6

                                               Photographer: Lam Yik Fei/Bloomberg via Getty Images

Inyuma y’igihe abaganga bari muri yegereyegere kugira umushahara wabo uharurwe mu mafaranga y’abanyamerika, umunyamafaranga w’umunya Zimbabwe ariko akorera mu bwongereza yemeye kuzoriha abaganga bose imishahara yabo mu kiringo c’amezi 6.

Uwo munyamafaranga aharurwa muri 20 ba mbere muri Afrika, akaba yemeye kuzoza abahemba ama Dollars ya Amerika 300 buri kwezi. Abahinga ariko bakibaza ikizoca kiba inyuma y’ico gihe yemeye.

Uwo mugabo akaba kandi yemereye abo baganga kubaha uburyo bwo kwiyunguruza.

Ivyo bikaba bibaye mu gihe Forbes ivuga ko yahomvye amahera angana n’1,000,000,000 $ mu gihe leta ya Zimbabwe yavuga ko hagiye gukoreshwa i dollar rya Zimbabwe, i dollars rya amerika rigakurwa kw’isoko muri ico gihugu.

Uwo munyamafaranga akaba muri uno mwaka wa 2020, ari mu kibanza ca 19 muri 20 batunze cane muri Afrika, n’amafaranga angana n’1,100,000 $.

Ayo mafaranga akaba yayakuye mu bijanye n’itumatumanaho amakuru, riciye ku muhora wa Telephone, akaba ari nawe nyene Econet – Wireless risanzwe rinakorera hano iwacu, nka Econet- Leo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758