africa newsEast Africa NewsHealthhomepagekirundi

Umurundi yari arwariye i Kigali Corona Virus yakize

Umurundi wa mbere yafashwe n’ingwara ya COVID-19 iterwa na Corona-Virus yakize, ubu akaba avuga ko agiye kwerekeza muhira aho umuryango umurindiriye. Ivyo nivyo yashikirije kuri uyu wa mungu aho yari arekuwe avuye mu bitaro vya Kanyinya.

Nahimana Fabrice yari amaze imisi 20 ari mu minwe y’abaganga i Kigali aho yapimiwe irya mbere ico kiza noneho bakabona ko yafashwe n’ico kiza, ngo arashima cane abo babanye muri iyo misi, kuko bamweretse urukundo rudasanzwe.

Ariko naho yari aryohewe muri ico gihe, ngo yabanje kwanza kwiheba kubera amajambo yandikirwa n’incuti ziwe ku butumwa buhanahanwa kuri Téléphone. Mu majambo yiwe yavuze ko bamwe baboneka nkaho bihevye, abandi nabo bakabona ko umengo ubuzima bwiwe burahagaze. Ariko inyuma y’ivyo vyose ngo yarabonye ko Imana ikimufise mu minwe.

Fabrice akaba yasezerewe kwa muganga arikumwe n’abandi banyarwanda 3 bari bagwaranye muri ivyo bitaro i Kigali, uwa mbere yari yabonetseko iyo ngwara mu Rwanda akaba ngo nawe nyene vuba ashobora gusohoka, kuko ngo igipimo kimwe muvyo bamupimye cerekanye ko yakize, ariko ngo bisaba ko bapima kabiri.

Muri kano karere Uburundi buherereyemwo hakaba hamaze kuboneka abagwayi batari bake, Urwanda rukaba rugeze ku bantu 102 bamaze gufatwa n’iyo ngwara, hamwe n’abo 4 bakize, Tanzania nayo ikaba imaze kubonekamwo 22 barimwo 3 bamaze gukira, Uganda nayo ikaba imaze kubona 52, Kenya nayo imaze kubona 142, Congo nayo ikaba imaze kuboneka 154, 3 bakaba bamaze gukira, hamwe na 18 bamaze kwitaba Imana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756