homepage

Umusi mukuru Mpuzamakungu w’abakozi n’akazi ushitse bafise ijambo ry’ihumure riva K’Umukuru w’Igihugu

Igisagara ca Bujumbura carifadikanije n’ayandi makungu mu guhimbaza umusi mukuru Mpuzamakungu w’abakozi n’akazi kw’igenekerezo rya 01/05/2023.

Ku kibuga c’ishuri y’imyuga ETS Kamenge niho hasozerewe défilé y’abakozi yari yabereye kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo( 28 Novembre), abo bakozi bakaba bari batewe iteka n’intumwa y’Umukuru w’Igihugu iva mu nama nkenguzamateka kumwe n’abandi banyacubahiro baje gutera iteka Umukuru w’igisagara.
Mw’ijambo ry’ikaze umuku w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana yamenyesheje abaraho KO uwo musi mukuru ushitse aba nyagisagara batekanye kandi bari Ku kivi.

Uwaserukiye ama sendika y’abakozi nawe amaze gutanga amamuko y’uwo musi afatiye muri kahise, yasavye indongozi kwama zorohereza abakozi mu kwirinda Ku bakorera amahano ahubwo bakaja Inama n’ingingo, yanagiriyeko akenguruka KO Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yihaye ihangiro ry’imyaka 5 kugira ubusumba sumbane mu mishahara bube bwatorewe inyishu.

Uwaserukiye Umukuru w’Inama Nkenguzamateka akaba nawe yashikirije aba nyagisagara intasho za Sebarundi, agirako ana menyesha KO abanyagisagara boshigikira icifuzo c’igicapo c’imbona kazoza cerekana Uburundi muri 2040 asaba Uruhara rw’umwumwe wese.

Uwo musi mu Burundi ukaba wari wahimbajwe Ku civugo kivuga ngo :”Mboneka mu vumenyi , nube akarorero mu bagwiza Umwimbu”
Mwomenya ko uwo musi mukuru Ku rwego rw’igihugu wari wahimbarijwe mu ntara ya Bururi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671