BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Umwami wa Hip Hop ngo ni Fabelove si B face 

Mu gihe muri Hip Hop abiyita abami ari umurengera, Fabelove we ngo arafise ivyemezo ko ariwe mwami muri uwo mudiho.

Mu kiganiro OpenMic, yavuze ko afise abana yigisha uwo mwuga kandi abo nyene aribo baja guhangana n’abashaka kumuhangara, akaba atanga akarorero k’umwaka wa 2015 aho B Face yatwawe Awards n’umunyeshure wiwe.

Fabelove akaba anavuga ko hampande y’ivyo ngo afise ubumenyi n’ubuhinga bumwemerera kwiyita umwami muri uwo mwuga.

Nayo ku kijanye n’ukuvuga abandi baririmvyi bakora uwo mwuga nka B Face mu ndirimbo yiwe ngo n’ibisanzwe muri uwo mudiho kuko basanzwe babikora akatari gake.

Mwokwibuka ko na B Face aheruka gushikiriza ko uwukora Hip-hop mwiza atari uwidogera kuri Social Media ariko ngo ari uwuja muri Studio agasubiza uwamuvuze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775