groups-membership-request-accepted-by-adminHealthhomepagekirundiSantéWorld News

Urucanco rwa Covid-19 rushobora kugira ingaruka ku bavyeyi bibungenze canke bonsa

Mu gihe urucanco rwa Covid-19 rwari rurindiranywe igishika rwatanguye gutangwa , bimaze kuboneka ko rudashobora kuronswa abantu bose na cane cane abavyeyi bibungenze n’abasanzwe bonsa abana.

Mu bantu bakoreweko igeragezwa ry’urucanco rwa Pfizer-bioNtech , abagore bibungenze n’abonsa abana ntibashizwemwo.

Ikigo ca Pfizer-bioNtech kiremeza ko amakuru kimaze kugira adakwiye kugira yerekane ingaruka zishobora gushikira ku mugore yonsa canke yibungenze mugihe ahejeje guhabwa urwo rucanco.

Ico kibazo kikaba kimaze gutera amakenga benshi kuko kitaratangirwa umuco mugihe iyo umuvyeyi ashatse guhabwa urucanco ikibazo ca mbere abaza ari ic’uko rudahava rugira ingaruka mbi ku mbanyi yibungenze canke umwana asanzwe yonsa.

Ivyo bikaba vyatumye ibihugu biza imbere mu mugambi wo gutanga izo ncanco bifata ingingo zitandukanye aho ubwongereza bwakuyemwo abagore bibungenze n’abonsa abana mu rutande rwabazocandarwa , nayo reta zunze ubumwe za amerika zikaba zahaye ububasha abo bavyeyi kwifatira bonyene ingingo yuko bocandarwa canke batocandarwa nubwo ingaruka zishobora kubashikira canke ngo zishikire imbanyi canke ibibondo bonsa zitaramenyekana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756