BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Fatakumavuta yagirijwe na benewabo gushaka kwica igiteramo ca The Ben

Abamenyeshamakuru b’abanya Kigali batari bake babashije kuboneka I Bujumbura, bamwe bagirizwa gushaka kwica ico giteramo, ariko abandi bazanywe no kurondera amakuru ku bijanye n’ico giteramo.

Haraheze imisi uwo muririmvyi The Ben yari yamenyesheje ko hari abantu bariko barashaka kumwicira igiteramo ciwe, ariko ntiyagira ico abavugako abariko barashaka kumusubiza kw’isuka.

Naho ataco yavuze, hari insaku zavuga ko umugwi utwarwa na Coach Gael, ariwe Manager wa Bruce Melodie, boba aribo bari muri ivyo bintu, ariko Coach Gael we ntiyagira ico abivugako.

Bruce Melodie mu kiganiro yaheruka gukorera Kuri Kiss FM I Kigali, yamenyesheje ko ivyo atabirimwo na gato, ngo yubaha mukuruwe, ahubwo ngo abafana nibo bibereye muco yise amatiku.

Naho vyavuzwe uko, Fatakumavuta, atigeze araba ryiza ico giteramo ca The Ben, kuko yagumye akivugako ibintu bitari vyiza cane, yahavuye avugwa mu bintu bamwe bafashe nkaho ari ugushaka kwica igiteramo ca The Ben I Bujumbura.

Uwo Mugabo asanzwe avuga ko ari umuhinga mu bijanye n’imyidagaduro I Kigali no mu karere ka Africa y’ubuseruko, akaba ari mu bamenyeshamakuru babonetse I Bujumbura bagiye kuraba ico giteramo.

Abamubonye, barimwo umumenyeshamakuru w’ikimenyeshamakuru Inyarwanda bamenyesheje ko yabonetse afise impapuro ziriko umuririmvyi Bruce Melodie I Bujumbura.

Izo mpapuro nta wuzi ico zari zigamije, ariko inkuru yanditswe Kuri ico kinyamakuru ivuga ko zamanitswe I Bujumbura, naho bitarabwe ryiza n’abandi bari bavuye I Kigali bagiye mu giteramo.

Naho ata vyinshi vyavuzwe Kuri ako kaguma kashatse guterwa, amakuru ava mu Banyamakuru hamwe n’abegereye ivy’imyidagaduro I Kigali, avuga ko hari n’abandi baburijwemwo mu giteramo nyene bashatse kwonona igiteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 761