BasketballBurundikirundikirundi_SportsSport

Urunani na Kern nibo bayoboye ihiganwa

“Batagize urunani ntibazotsinda umurwi w’Urunani” ayo niyo majambo yaraye ashikirijwe n’abakunzi b’umurwi w’Urunani inyuma yaho bikurikiranije inkino zirenga zitanu badatsindwa mw’ihiganwa rya Basketball i Bujumbura.

 

Ivyo babishikirije inyuma yaho uwo murwi utsinze Muzinga ku manota 63 kuri 54, bituma Urunani naho vyoshika rugatsindwa inkino zisigaye rwironkera amahirwe yo kirangiza ihiganwa bari mu bibanza bine vya mbere ari navyo bituma imirwi itumirwa mu mahiganwa y’ Bujumbura ayabera ku rwego rw’igihugu nayo mu burere .

Si uwo murwi gusa waronse ayo mahirwe kuko na Kern inyuma yo kwirahira New stars ku manota 72 kuri 62 .Kern yarimaze imyaka itari mike itaja mu mirwi ine ya mbere mu gisagara ca Bujumbura bigatuma uwo murwi ugira amahirwe make yo guseruka mu mahiganwa atandukanye.
Uwo murwi ukaba ufashwe mu mugongo n’abawukiniye harimwo n’abakuze bawukunda , ukaba urongowe na Callixte Carl Karisabiye yamuka mu ntara ya Rumonge .

Mwomenya ko igihe hamaze kuboneka ibibanza bibiri muco bita “Big four” ibindi bibanza *bibiri* bitaramenyekana imirwi izobitahukana hagati ya Les hyppos ,Muzinga ,Dynamo na New stars .

Mu zindi nkino Dynamo yirahiye Mutanga United ku manota 85 kuri 53 , Aigle noir ikubitwa ubutinyagaza na Les hyppos 123 kuri 46.
Ku bwanyu niyahe mirwi ibiri izohamvya Urunani na Kern .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 675