kirundi_SportsIKIRUNDI_news

Urunani na News Stars imirwi ihagaze neza muri Road to Viva Basketball League 2022

Mw’ihiganwa ritegura ihiganwa rikuru ry’umupira w’amaboko Basketball bitiriye “Viva basketball League”, iryo higanwa rizokwitabirwa n’imigwi 6 yo mugisagara ca Bujumbura n’imigwi 4 yo mu gihugu hagati aho bazoba batey ku ndwi yayo igira indwi(7).

Imigwi nk’Urunani na New Star bo kumusi wa gatandatu baratahukanye intsinzi zho Urunani batsinze amanota ashika 100 ivyo bikaba bibaye ubwambere kuva ihiganwa ritangura.
Uku niko vyari bimeze kumusi w’ejo igenekerezo rya 12/03/2022.

-Urunani 110-72 Muzinga
-New Star 73-72 Gymkhana
-Aigle noir 65-59 Imbeya

Ihiganwa rirabandanya kuri uno musi w’Imana igenekerezo rya 13/03/2022

-Kern vs Mutanga United
-Les Hippos vs Dynamo

Izonkino zose zikaba zibera kur kukibuga ca Département.

Tubibutse kandi ko fédération ya basketball yari yateguye ihiganwa ry’abigeme mu ntumbero yo kwigina Umusi mukuru w’abakenyezi. Umugwi Young Sisters ukaba ariwo yatahanye itsinzi ariko bigoranye cane kuko habaye kwogera iminota inciro 2 zose Young Sisters ukaba watsinze Gladiators ku manota 59 kumanota 55 ya Gladiators.

Twobamenyeshako umugwi Urunani ariwo mugwi utaratsindwa na rimwe mur rino higanwa ryokurondera itike ryo gukina ihiganwa rikuru ry’umupira w’amaboko bitiriye”Viva basketball League”Ubu tuvugana ukaba uri mukibanza cambere.

Indundi magazine mugisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 275